Uko wahagera

Umugambwe Frelimo Uhabwa Amahirwe Yo Gutsinda Amatora Muri Mozambike


Indorerezi z’amatora zitangaza ko gushika ubu ata bibazo bikomeye barabona
Indorerezi z’amatora zitangaza ko gushika ubu ata bibazo bikomeye barabona

Igikorwa co guharura amajwi kiriko kiraba muri Mozambike inyuma y'amatora rusangi yabaye muri ico gihugu.

Amajwi ariko aharurwa mu bibanza abantu batoreyemwo. Vyitezweko ibiharuro vy’ivyavuye mu matora mu bice bigize igihugu bimenyekana ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi.

Bizotanga ibimenyetso vya mbere vy’uwuri imbere mu bahiganywe. Ibiharuro vy’ivyavuye mu matora bifata mu bisanzwe indwi zibiri kigira bitangazwe icese n’umurwi ujejwe gutunganya amatora.

Uwahiganywe ku ruhande rw’umugambwe uri ku butegetsi muri Mozambike, Frelimo, Daniel Chapo, afise imyaka 47, ni we abonwa ko azotsinda amatora. Yamara umugambwe wiwe wagirijwe n’abatavuga rumwe nawo hamwe n’indorerezi z’amatora ko wivye ayabaye muri kahise.

Yamara uwo mugambwe urabihakana. Mu barungitse indorerezi z’amatora harimwo ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya. Batangaje ko gushika ubu ata bibazo bikomeye barabona.

Chapo, atazwi cane muri politike muri Mozambike, niyatsinda amatora y’umukuru w’igihugu, azoba abaye umuprezida wa mbere yavutse inyuma y’uko Mozambike yikukiye mu mwaka w’i 1975.

Abitegereza ibintu n’ibindi bavuze ko yahaboneye akaryo ko kwitandukanya n’amarorerwa ya ruswa yaranze umugambwe uri ku butegetsi, Frelimo muri kahise.

Uwo bahiganwa bikomeye, ni Venancio Mondlane, umukandida yigenga, ashigikiwe cane n’abakiri bato. Uwutsida amatora azosubirira Prezida Filipe Nyusi azoba ashikirije ubutegetsi inyuma y’uko arangije ibiringo bibiri bitegekanywa n’ibwirizwa shingiro ry’igihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG