Uko wahagera

Umuyobozi Mushasha wa OTAN Yemeye Gushigikira Ukraine


Umuholandi Mark Rutte ni we muyobozi mushasha wa OTAN
Umuholandi Mark Rutte ni we muyobozi mushasha wa OTAN

Umunyamabanga mushasha w'ishirahamwe OTAN, Mark Rutte, yemeye gushigikira Ukraine. Hari igihe yashikira icese amabanga yo kuyobora iryo shirahamwe.

Uyu muyobozi mushasha yatangaje ko ata mpungenge afise ku bijanye n’amatora yimirije kuba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Yavuze ko ashobora gukorana na Donald Trump canke Kamala Harris. Mark Rutte, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubuholandi, yasubiriye Jens Stoltenburg mu mabanga y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe OTAN.

Hasigaye indwi nkeyi gusa kugira amatora y’umukuru w’igihugu abe muri Amerika kw’itariki 5 y’ukwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka. Donald Trump, ariko ahiganirwa amabanga y’umukuru w’igihugu, yaranebaguye bikomeye ishirahamwe OTAN. Yaranse kandi kuvuga niba ashaka ko Ukraine itsinda ingwano irimwo n’igihugu c’Uburusiya.

Yamara Mark Rutte yavuze ko ata mpungenge bimuteye. Yatangaje ko yakoranye mu kiringo c’imyaka ine na Donald Trump. Yavuze ko Trump ari we yahimirije ibihugu bihugu bigize ishirahamwe OTAN kwongereza amafranga bikoresha mu gisata co kwivuna umwansi. Rutte yatangaje ko ivyo vyabaye, ko muri iki gihe ibihugu bigize ishirahamwe OTAN bikoresha urugero rw’amafranga agenwe kwivuna umwansi arengeye ayo vyakoresha imbere yaho. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG