Uko wahagera

Isirayeri Ikomeje Gutera Ibisasu muri Libani no mu Gisagara ca Beyiruti


Igitero Isirayeri yagavye mu gisagara ca Beirut
Igitero Isirayeri yagavye mu gisagara ca Beirut

Intambara hagati ya Isirayeri n’umurwi wa Hezbollah wo muri Libani irabandanya. Igitero c’indege Isirayeri yagavye ku wa gatanu ku mupaka ihana na Libani mu gisagara citwa Shebaa, cahitanye abantu icenda bo mu muryango umwe.

Umukuru w’ico gisagara, Mohammad Saab, yatanze ano makuru avuga ko abaguye muri ico gitero barimwo abana bane. Ibimenyeshamakuru vyo muri Siriya navyo bivuga ko ibitero vy’indege vya Isirayeri vyahitanye kandi abasirikare batanu b’ico gihugu.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Libani mu biharuroro bishasha bwatangaje, bwavuze ko kuva ku wa mbere w’ino ndwi, ibitero vya Isirayeri muri Libani bimaze guhitana abantu barenga 600.

Ku rundi ruhande, umurwi wa Hezbollah wo muri Libani watangaje ko wihoye Isirayeri mu kumijagura ibisasu vya roketi mu bisagara bitandukanye vyayo, birimwo icitwa Kiryat Gat, Haifa kiza ubwa gatatu mu bunini, hamwe na Tiberias. Umurwi wa Hezbollah wavuze ko wasubirije mu ndumane Isirayeri ku bitero “ibandanya kugaba ku banyagihugu no ku mihana y’inzirakarengane”

Mu gihe Amerika yagabishije ko icuka kibandanya kwunyuka hagati ya Isirayeri na Hezbollah kizogira ahanini ingaruka ku banyagihugu, Isirayeri yihojeje akamo ko gutanga iminsi 21 y’agahengwe k’intambara nkuko yabisabwe na Amerika n’Ubufaransa, ivuga ko mu minsi iri imbere ari ho izorimbura ivy’ako gahengwe k’intambara.

ONU ivuga ko muri ino ndwi yonyene, abanyagihugu bateshejwe izabo n’urugamba ruri hagati ya Hezbollah na Isirayeri barenga ibihumbi 90.

Forum

XS
SM
MD
LG