Umwungere wa Ekleziya Katorika, Papa Fransisiko, avuga ko Ekleziya ikwiye kwicuza, igaterwa isoni kandi igasaba ikigongwe ku mabi ashingiye ku gitsina, bamwe mu bashumba bayo bagiye barakorera abana bato.
Papa Fransisiko yabivugiye mu rugendo ariko akorera mu Bubirigi, aho yavuze ko ikindi kibi Ekleziya Katorika ikwiye kwicuza, ari imiryango yatatanije, bivuye ku bavyeyi banka ko abana babo bavyarira mu hira inda batewe n’abashumba ba Ekeziya, gutyo bagahitamwo kuja kureresha abo bana mu bigo b’abihebeye Imana.
Mw’ijambo yavugiye mu ngoro y’ubwami bw’Ububirigi, imbere y’indongozi zitandukanye z’ico gihugu, Papa Fransisiko yabandanije kuvuga ko Ekleziya Katorika ibwirije kwikosora yishimikije ukwicisha bugufi kubwirijwe kuranga umukirisu, kandi igakora ibishoboka vyose kugira ivyaha yavuze ko yicuza ntibizosubire.
Abahohotewe n’abashumba bo muri Ekleziya Katorika mu Bubirigi biteze vyinshi ku rugendo rwe muri ico gihugu.
Bitegekanijwe ku muhingamo w’uno munsi, yakira abantu 15 bemeza ko bahohotewe n’abihebeye Imana mu Bubirigi.
Ubuserukizi bw’i Vatikano I Buruseri, bwavuze ko umubonano wa Papa n’abo bantu 15, uza kuba mu kanywababu mu ntumbero yo kutandagaza abakorewe amabi ashingiye ku gitsina na bamwe mu bashumba ba Ekeziya katorika yo mu Bubirigi.
Forum