Igisirikare ca Sudani, kuri uyu wa kane, cakoze ibitero gikoresheje vya muzinga n'indege z'ingwano ku murwa mukuru, Khartoum. Ni mu gikorwa gikomeye co gusubira gufata iibice vy'umurwa mukuru catankaje kuva mu ntango z'ingwano imaze amezi 17 n'inteko zishaka kwiyonkora kuri reta, Rapid Supprt Forces, RSF, mu mpfunyapunyo.
Ibitero bishasha vy’inteko za reta, zatakaje ibice bitari bike vy’umurwa mukuru, Khartoum mu ntango z’ingwano n’inteko za RSF vyabaye imbere y’uko umutegetsi mukuru w’umusirikare ayoboye igisirikare ca reta, Abdel Fattah al-Burhan, ashikiriza ijambo inama rusangi y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i New York ku muhigamwo w’uno musi ku wa kane.
Ababonye ivyabaye bavuze ko habaye ugutana mu mitwe gukomeye hagati y’inteko za reta n’izayiyonkoyeko ziwi kw’izina rya RSF igihe inteko za reta zariko zigerageza kujabuka ibiraro biri ku ruzi Nil bihuza ibisagara vya Khartoum, Omdurman na Bahri.
Naho igisirikare ca reta casubiye gufata, mu ntango z’uyu mwaka, bimwe mu bice catakaje mu gisagara ca Omdurman, aho muri ico gikorwa cifashishije cane cane vya muzinga n’indege z’ingwano, nticashoboye gutuza inteko za RSF zashinze imizi mu bindi bice Vy’umurwa mukuru. Inteko za RSF zibandanije kugira intambwe mu bindi bice vya Sudani mu mezi ya vuba, mu ngwano yakuye mu vyabo abantu barenga imilIyoni 10, kandi ituma ibice bitari bike mu gihugu bisizikazwa bikomeye n’inzara. (REUTERS)
Forum