Uko wahagera

Isirayeri Ivuga ko Itazohagarika Ingwano ku Mupaka Ihana na Libani


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Israyeri, Israel Katz, kuri uyu wa kane yiyamirije umugambi washikirijwe, usaba guhagarika ingwano ku rubibe hagati ya Israyeri na Libani.

Yabitangaje amasaha makeyi inyuma y’uko ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubufransa n’ibindi bihugu umunani, bisavye ko ingwano ku rubibe hagati ya Israyeri na Libani ihagarara mu kiringo c’imisi 21.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Israyeri, Israel Katz, yavuze ko igihugu ciwe kizobandanya kurwanya umurwi yise uw’iterabwoba, Hezbollah, gikoresheje inguvu zose zishoboka gushika gishitse ku ntsinzi kandi ababa mu buraruko bw’igihugu bashoboye gusubira mu ngo zabo.

Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, vyatangaje ko atishuye ku mugambi washikirijwe wo guhagarika ingwano ku rubibe ihana na Libani. Yasavye igisirikare ca Israyeri kubandanya kurwana n’inguvu zose zishoboka.

Umugambi wo guhagarika ingwano washikirijwe mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu mw’itangazo rivuga ko intambara hagati ya Israyeri n’umurwi Hezbollah atawoyihanganira, kandi ishobora gutandukira akarere kose.

Iryo tangazo rivuga ryamenyesheje kandi ko guhagarika intambara hagati ya Israyeri n’umurwi Hezbollah vyotanga akaryo ko gusozera ibiganiro bijejwe gutorera inyishu amatati ari hagati y’impande zitana mu mitwe hisunzwe ingingo z’urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi. Iryo tangazo risaba kandi guhagarika ingwano hagati ya Israel n’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza.

Igisirikare ca Israyeri, kuri uyu wa kane, catangaje ko cakoze ibitero vy’indege z’ingwano mu bibanza vy’umurwi Hezbollah 75 mu bumanuko no mu buseruko bwa Libani. Cavuze ko kibandanya gukora ibitero bishasha. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG