Uburundi buripfuza kurungika ingabo zabwo kugarukana amahoro muri Hayiti. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n'ayandi makungu, Albert Shingiro, yabivugiye mu nama yiga ku kibazo c’umutekano wa Hayiti yabereye muri Reta ya New York muri Amerika ku wa mbere w’ino ndwi.
Mw’ijambo Umushikiranganji Shingiro yashikirije abari muri iyo nama, yavuze ko igihugu ca Hayiti kibandanya guca mu bihe bigoye, kidashobora kwivanamwo kitabifashijwe n’amakungu.
Yagize ati: “ Ndashima intambwe Hayiti yateye, cane cane mu gushobora gushiraho inzego z’imfatakibanza no kugena Garry Conille, mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere. Ariko naho biri uko, ni ngombwa ko amakungu akorera hamwe. Icuka kiri muri Hayiti, n’ikibazo c’abagizi ba nabi b’amabandi bitwaje ibirwanisho, bikeneye inyishu mvamakungu, kugira abo bagizi ba nabi batagendera ku mategeko, bahagarike iterabwoba n’umwiheburo bateye abanyagihugu b’inzirakarengane barimwo abana n’abagore badafise ababakingira.”
Albert Shingiro yabandanije ijambo ryiwe yibutsa ko muri kahise, Uburundi bwigeze kurungika abapolisi muri Hayiti agira ati: " Ku bw’ivyo, Uburundi burasubiye kwemera ko bufise ishaka ryo gufasha mu gutsimbataza amahoro n’umutekano bikigoyagoya muri ico gihugu, biciye mu kurungikayo abasirikare canke abapolisi. Kuba abasirikare n'abapolisi b'Uburundi bakoresha ururimi rw'igifaransa, bakaba bamwe muri bo basanzwe bazi umuco wo muri Hayiti, vyofasha cane muri uwu mugambi”
Ntaco ONU canke ibihugu bitandukanye birimwo Amerika na Canada bisanzwe bifasha mu mugambi wo kurungika ingabo zija kugarukana amahoro muri Hayiti biravuga ku busabe bw’Uburundi. Ntibiramenyekana kandi ko, Ubusabe bw’Uburundi buramutse bwemejwe, muri Hayiti horungikwayo abasirikare canke abapolisi.
Mu 2016, ONU yahagaritse amasezerano yari ifitaniye n’igipolisi c’Uburundi, arimwo ayari yatumye abapolisi barenga 300 bari kugarukana amahoro muri Centrafurika batahukanwa. Ico gihe, ONU yatangaje ko atacizere ifitiye igipolisi c’Uburundi, yagiriza ko cahohoteye abiyamirije ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza. Kuva ico gihe, nta bapolisi b’Uburundi barasubira kurungikwa mu makungu kugarukana amahoro biciye mw’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU.
Naho biri uko, mw’ijambo Prezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye yashikirije abapolisi n’abasirikare b’Uburundi igenekerezo rya 24 ukwezi kwa cumi na kabiri ko mu 2021, yari yijeje ko abaporisi b'Abarundi bagiye gusubizwa mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n'umutekano vya ONU inyuma y'imyaka irenga itanu barabikumiriwemwo.
Twagerageje kumenya niba kuba ata bapolisi b’Abarundi barasubira kurungikwa mu makungu biciye muri ONU kuva aho prezida w’Ubrundi yijereje ko bagiye gusubira muri ivyo bikorwa, hari isano bifitaniye n’ibihano ONU yafatiye zimwe mu nzego zatwara igipolisi c’Uburundi kuva mu 2015, ariko nta ruhande rwashoboye kuduha umuco wuzuye.
Ico bikoze, naho ata mupolisi n’umwe w’Umurundi ari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu makungu biciye muri ONU, hari abasirikare b’ico gihugu bari kugarukana amahoro mu bihugu bitandukanye: Barimwo abari muri Centrafurika na Somaliya, bashigikiwe n’ubumwe bwa Afurika n’abari muri Kongo bashigikiwe n’akarere ka Afurika y’ubuseruko na SADEC.
Ibikorwa vyo kurungika ingabo z’ibihugu bitandukanye kugarukana amahoro muri Hayiti vyemejwe n’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano mu kwezi kwa cumi ko mu 2023, bisabwe n’indongozi za Hayiti. Kugera ino saha, kenya ni yo yonyene imaze kurungikayo abapolisi.
Hambavu y’Uburundi, ibindi bihugu bimaze gusaba uburenganzira bwo kurungika abapolisi bavyo ni Bahamas, Bangladesh, Barbade, Belize, Bénin, Cadi na Jamayika.
Prezida wa Kenya William Ruto, mu rugendo yakoreye muri Hayiti ku wa gatandatu w’indwi iheze, yavuze ko ashigikiye ko ibikorwa vyo kugarukana amahoro muri Hayiti vyoja mu minwe ya ONU. Kugera ino saha, ivyo bikorwa bifatwa mu mugongo n’ibihugu birimwo ahanini Amerika na Canada.
Forum