Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, yateye igikumu kw'itegeko ryongereza igitigiri c'abasirikare ku rugero rw’ 180,000. Ico gitigiri gishikanye abasrikare b’Uburusiya ku muliyoni n'ibihumbi 500. Ni ukuvuga ko igisirikare c'Uburusiya kiza ubwa kabiri mu bunini kw'isi hose.
Umuvugizi w’ibiro vya Prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yatangaje ko iyo ngingo yatewe n’ibibazo bihari bishora kugeramira umutekano w’Uburusiya ku mbibe zabwo. Ni ubugira gatatu Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin afashe ingingo yo kwongereza igitigiri c’inteko z’Uburusiya kuva ingwano muri Ukraine itanguye mu mwaka w’i 2022.
Abasirikare b’Uburusiya bagera ku 700,000, bariko barwana muri Ukraine, hnk’uko Prezida w’Uburusiya,Vladimir Putin yabitangaje mu kwezi kwa gatandatu.
Mu ndwi zitandatu zirangiye, Uburusiya bwaragerageje guhagarika ibitero Ukraine yakoze mu ntara yayo ya Kursk. Uburusiya bwarongereje kandi ibitero vyabwo mu buseruko bwa Ukraine.
Vyongeye, Uburusiya bumaze igihe bwidogera ishirahamwe ryo kwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN. Buvuga ko OTAN rigeramiye umutekano ku mbibe zabwo.
Ishirahamwe OTAN ryo, rivuga ko imigambi yaryo ari ukwivuna umwansi, ko ritarondera guhangana n’Unurusiya. Ryavauze ko inyifato y’agasomborotso y’Uburusiya ku bihugu bibanyi vya OtAN, ari yo iriko ituma icuka kibi ciyongera. (AFP)
Forum