Uko wahagera

Kenya: Sentare Yahagaritse Amasezerano yo Kwegurira Ikibuga c'Indege Gikuru Ubuhindi


Zimwe mu ndege za Kenya ku kibuga c'indege gikuru i Nairobi
Zimwe mu ndege za Kenya ku kibuga c'indege gikuru i Nairobi

Sentare nkuru yo muri Kenya yahagaritse amasezerano yateye ibibazo yarekurira ishirahamwe ryo mu Buhindi, Adani Group, gufata ikibuga c'indege gikuru muri Kenya. Iyo ngingo yahayagijwe n'abatashaka ko ayi masezerano aja mu ngiro. Batangaje ko ari intzinsi ku banyakenya.

Ishirahamwe Adani Goup ryariko rigirana ibiganiro na Reta ya Kenya kugira rishire imitahe y’agaciro k’umuliyaridi n’imiliyoni 850 mu gikorwa co gufata ikibuga c’indege mpuzamakungu citiriwe Jomo Kenyatta n’ibikorwa bikiberako.

Ayo masezerano yaranebaguwe cane. Benshi mu bayanebagura bavuze ko azotuma abanyakenya batakaza ubuzi. Amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu, The Law Society of Kenya na Kenya Human Rights Commission, yari yitwaye muri sentare ku musi wa mbere. Yavuze ko amasezerano hagati ya Reta ya Kenya n’ishirahamwe Adani Group yarenze ku mategeko agenga intwaro ibereye, gukorera mu mucio no gukoresha neza amafranga y’igihugu.

Sentare nkuru yo muri Kenya yemeje ivyo ayo mashirahamwe yasavye idatevye. Italiti yerekeye ingingo ya nyuma yayo ntirategekanywa. Reta ya Kenya yarashigikiye amasezerano yagiranye n’isosiyete, Adani Group mu kuvuga ko yari akenewe mu ntumbero yo gusanura no kwagura ikibuga c’indege mpuzamakungu citiriwe Jomio Kenyatta. Ni kimwe mu bibuga birimwo uruja n’uruza rukomeye cane rw’indege zitwara abantu n’imizigo.

Forum

XS
SM
MD
LG