Uko wahagera

Tanzania: Ikiziga ca Mohamed Kibao Atavuga Rumwe n’Ubutegetsi Catowe  i Dar Es Salaam


Ali Mohamed Kibao
Ali Mohamed Kibao

Ikiziga c’Umunyepolitike, Ali Mohamed Kibao, ari mu mugambwe Chadema uza imbere mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Tanzaniya, catowe muri imwe mu ma karitiye y’ I Dar Es Salaam, ku murwa mukuru w’ubutunzi bw’ico gihugu.

Ali Mohamed Kibao yari mu nzego nyobozi z’umugambwe Chadema. Yari yaburiwe irengero kuva ku munsi wa gatandatu, inyuma yaho abantu umugambwe wiwe wemeza ko ari abasirikare b’igihugu, bamuvaniye mu modoka yunguruza ingenzi. Ico gihe, yariko aja mu gisagara yavukiyemwo citwa Tanga.

Umugambwe Chadema uvuga ko ikiziga ca Nyakwigendera Ali Mohamed Kibao, kiriko ibimenyetso vyerekana ko yakubiswe cane yongera aturirwa mu maso, hakoreshejwe ubumara bwa acide.

Abarongoye umugambwe Chadema bavuze ko amakuru y’uko yitavye Imana inyuma yo guhohoterwa bwayakuye ku baganga bakoze ibipimo, bahagarikiwe n’abamuburanira.

Prezida wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan, abicishije ku rubuga rwiwe rwa X yavuze ko yakiranye umubabaro mwinshi urupfu rwa “Mzee Ali Mohamed Kibao”. Yahojeje umuryango wiwe, abagenzi biwe n’umugambwe yari amazemwo imyaka myinshi.

Madamu Suluhu Hassan, yijeje kuzohana abakoze ubwo bubisha agira ati: “ Natanze itegeko ryo gukora amatohoza yihuse, aheze bakampa raporo irimwo ukuri kose kujanye n’iryo bara ritagira izina. Igihugu cacu kirangwa na demokarasi. Umunyagihugu wese arafise uburenganzira bwo kubaho atekaniwe. Reta ntwara, ntizokwigera yihanganira na rimwe ubunyamaswa nk’ubwo.

Ali Mohamed Kibao agandaguwe bunyamaswa inyuma y’indwi zike indongozi z’umugambwe Chadema, zirimwo umukuru w’uwo mugambwe n’icegera ciwe batawe muri yompi.

Barekuwe inyuma yaho babajijwe kw’ihuriro ry’urwaruko rw’uwo mugambwe, ryaburijwemwo n’ubutegetsi bwavuga ko “ Yari imyiyerekano rwihishwa”.

Umugambwe Chadema mw’itangazo wasohoye, wavuze ko hari abandi banywanyi bawo benshi baburiwe irengero. Nta mazina yabo washize ahabona. Eka ntiwigeze unavuga ingene bangana.

Ali Mohamed Kibao, imbere yo kuja mu mugambwe Chadema yarakoranye cane n’umugambwe Chama Cha Mapinduzi (CCM), uri ku butegetsi muri Tanzaniya. Yigeze kandi kuba no mu gisirikare c’ico gihugu imbere yo kuja mu karuhuko k’izabukuru. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG