Umuriro wadutse mu buraro bw'ishule muri Kenya wahitanye abanyeshule 17, wongera uturira abandi 13 barakomeretse cane. Iyo nkuru yatangajwe n'igipolisi ca Kenya kuri uyu wa gatanu.
Igipolisi catangaje ko hari ubwoba ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera. Umuvugizi w’igipoilisi, Resila Onyango yatangaje ko impamvu yatumye uwo muriro waduka mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane mw’ishule ritoyi rya Hillside Endarasha, itaramenyekana.
Iryo shule riri mu gice citwa Nyari kiri ku bilometero 200 mu buraruko bw’umurwa mukuru, Nairobi. Umuyobozi mukuru w’akarere ka Nyeri, Pius Murugu n’abategetsi bo mu bushikiranganji bw’indero batangaje ko iryo shule ryakiye abana b’abahungu barenga 150. Uwo muriro waciye ukwiragira ningoga.
Prezida wa Kenya, William Ruto yavuze ko inkuru yerekeye uwo muriro, n’abo wahitanye iteye agahinda. Yasavye abategetsi b’aho vyabereye gutohoza neza uko ibintu vyagenze.
Imiriro yama yiyadukije mu mashule arimwo uburaro muri Kenyank’uko icegeranyo catanzwe n’ubushikiranganji bujejwe indero, kibivuga. Benshi mu banyeshuke baba mu buraro kubera abavyeyi babo babona ko bibaha umwanya kurushiriza wo kwiga batabanje kugira urugendo rurerure, bava canke baja ku mashule. (AFRICANEWS)
Forum