Uko wahagera

Igitero c'Uburusiya muri Ukraine Cahitanye 42 Gikomeretsa 180


Reta ya Ukraine yatangaje ko igitero ca misile balistike Uburusiya bwakoze kuri uyu wa kabiri mu gisagara ca Poltava cahitanye abantu 42, abandi 180 barakomereka.

Ico gitero ni kimwe mu vyihaye inkumbi kurusha ibindi mu ngwano imaze imyaka 2 n’igice muri Ukraine. Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yatangaje ko azokora ibishoboka vyose kugira asubirize mu ndumane Uburusiya ku gitero bwakoze mu kibanza abasirikare baherwamwo inyigisho hamwe no ku bitaro bira hafi yaho.

Ikibanza abasirikare baronkeramwo inyigisho zijanye n’ubuhinga bwo guhanahana amakuru, cashizweho mu myaka yo mu 1960 igihe Ukraine yari ikiri mu bumwe bw’Abasoviyete.

Igice c’imwe mu nyubakwa z’ico kibanza casenyutse, abantu batari bake bakaba bafatiwe mu bisigarira vy’iyo nyubakwa. Bulamatari w’intara ya Poltava, Philip Pronin, yatangaje ko ata vyinshi reta yiwe ishobora gutangaza ku bijanye n’igitero ku mpamvu zijanyye n’umutekano.

Igisagara ca Poltava cari gifise abantu bagera ku 300.000 imbere y’uko ingwano yaduka muri Ukraine. Kiri ku bilometero 300 mu buseruko bw’umurwa mukuru wa Ukraine, Kiev.

Forum

XS
SM
MD
LG