Uko wahagera

Abaserukira Amerika n'Ubushinwa Bari mu Biganiro i Beijing


Ministri w'imigenderanire w'Ubushinwa Wang Yi iburyo na Jake Sullivan, umuhanuzi mukuru mu vy’umutekano mu biro vya prezida wa Amerika.
Ministri w'imigenderanire w'Ubushinwa Wang Yi iburyo na Jake Sullivan, umuhanuzi mukuru mu vy’umutekano mu biro vya prezida wa Amerika.

Umuhanuzi mukuru mu vy’umutekano mu biro vya prezida wa Amerika, Jake Sullivan, yabonanye n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubushinwa, Wang Yi. Bahuriye I Beijing mu Bushinwa.

Ibiganiro vyabo bigeze ku munsi wa kabiri, vyashimikiye ku ngingo zitandukanye zirimwo imigenderanire ya Amerika n’Ubushinwa, hamwe n’icuka kibi kiri mu bihugu vyegereye ibahari yitiriwe Ubushinwa bwo mu maja epfo.

Abo bategetsi babiri bose batangaje ko ibiganiro bagiranye vyagenze neza kandi ko bayaze “ batarya umunwa, babwizanya ukuri”, kandi yavugiwemwo ivyubaka. Itangazo ryasohowe n’ibiro vya prezida wa Amerika, White House, rivuga ko Prezida wa Amerika Joe Biden n’uw’uw’Ubushinwa, Xi Jinping, mu ndwi ziri imbere bazoyaga kuri terefone, mu nyuma, bakazogira ibiganiro,amaso mu yandi.

Sullivan na Wang bumvikanye kandi ko ari ngombwa ko ibisirikare vy’ivyo bihugu bibiri vyama bihanahana amakuru. Bemeranije ko mu minsi iri imbere, indongozi za gisirkare ku mpande zose zizokorana ibiganiro bizoba hifashishijwe ubuhinga bwa none.

Wang Yi yabwiye tereviziyo yegukira reta y’Ubushinbwa, CCTV, ko kugira imigenderanire ya Amerika n’Ubushinwa inaguke burundu, impande zose zibwirizwa kwubahana, zigafatana nk’izingana.

Ibiganiro hagati y’umuhanuzi mukuru mu vy’umutekano mu biro vya prezida wa Amerika, n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubushinwa, vyagarutse kandi ku mutekano impande zose zemeje ko ubwirizwa gukingirwa muri Tayiwane.

Tereviziyo ya reta y’Ubushinwa, ivuga ko Wang yabwiye Sullivan ko Amerika “ Itegerezwa guhagarika guha ibirwanisho Tayiwane”. Yagize ati: “ Tayiwane yegukira Ubushinwa. Kwemeza ko yigenga bizobangamira umutekano wayo.”

Abo bategetsi bavuganye no ku matati ari mu karere k’ibahari yitirirwa amaja’Epfo’ y’Ubushinwa. Ku bwa tereviziyo y’igihugu mu Bushinwa, Wang Yi, yagabishije Amerika ku vyo avuga ko ari: “ Ugushigikira Filipine”, agira ati: “ Amerika ntitegerezwa kwiheka inyuma y’imigenderanire ifitaniye n’igihugu runaka, kugira ibangamire ubwigenge bw’Ubushinwa. Ntitegerezwa kandi gushigikira amakosa ya Filipine.”

Itangazo ry’ibiro vy’umukuru w’igihugu muri Amerika ku rundi ruhande na ryo rivuga ko umuhanuzi mukuru mu vy’umutekano muri White House yashikirije impungenge ku co Amerika ivuga ko ari ibikorwa vy’Ubushinwa bibangamira Filipine, mu bikorwa vyayo vyemewe n’amategeko mw’ibahari yo mu Bushinwa bwo mu maja’epfo.”

Ibiganiro vy’abo bategetsi babiri bizobandanya ejo ku wa kane. Bizoshimikira ku budandaji, umutekano muke mu karere ko hagati y’isi n’intambara yo muri Ukraine. (VOA NEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG