Uko wahagera

Polisi ya Nijeriya Yabohoje Abanyeshure 20 mu vy'Ubuvuzi Baheruka Kunyuruzwa


Polisi ya Nijeriya itangaza ko yabohoje abanyeshure 20 bari banyurujwe n’abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho ku wa gatanu w’indwi iheze.

Abanyeshure bari banyurujwe bose bari abo mu gisata c’ubuvuzi, kuri kaminuza ya Maiduguri na Jos, ziri muri reta ya Benue iri mu buseruko bwo hagati muri Nijeriya.

Banyurujwe bari mu nzira baja mu nama y’abanyeshure biga ivy’ubuvuzi muri Nijeriya.

Itangazo polisi ya Nijeriya yasohoye rigira riti: Bose baridegemvya kandi baradeya. Nta n’umwe bariye urwara.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rihurikiyemwo abanyeshure mu vy’ubuvuzi muri Nijeriya, Fortune Olaye, yemeje amakuru y’irekurwa ryabo, avuga ko yabavugishije kuri terefone kandi bameze neza.

Polisi ya Nijeriya ntiyigeze itomora ingene abo banyeshure babohojwe. Yirinze kugira amakuru menshi itangaza . (AFP)

XS
SM
MD
LG