Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yaramaze imyaka hafi ibiri afunzwe yarekuwe. Ni inyuma yaho kuri uno wa kane umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari yamugiriye ikigongwe.
Amaze kuva mw’ibohero rikuru rya Bubanza yabwiye abamenyeshamakuru ko afise umunezero udasanzwe. Yamenyesheje ko anezerejwe cane no gusubira mu muryango wiwe agasubira kubona abana biwe yidegemvya.
Uwo mumenyeshamakuru wo muri Radiyo Igicaniro yashimiye abamufashije bose kuva agifungwa kugeza uno musi. Yashimiye vyimazeyo abamenyeshamakuru bagenziwe, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike be na cane cane umukuru w’igihugu yamugiriye ikigongwe.
Aho i Bubanza uwurongoye umugwi w’igihugu wigenga w’agateka ka zina muntu Sixte Vigny Nimuraba nawe nyene yagaragaje umunezero inyuma yirekurwa rya Irangabiye . Yameneysheje ko yizeye ko umukuru w’igihugu azobandanya atanga ikigongwe no ku bandi banyororo.
Yasavye ashimitse umushikirananganji w’ubutungane n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika gukora ibishoboka vyose kugira abanyororo bagabanuke mu mabohero.
Uwo mupfasoni w’umumenyeshamakuru muri Radiyo Igicaniro yagiriwe ikigongwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu No 100 ryo kuwa 14 ukwezi kw’umunani, umwaka 2024. Yaheruka gukatirwa gufungwa imyaka cumi na sentare nkuru ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura no gutanga ihadabu y’amafaranga y’Amarundi umuriyoni.
Abo bakorana muri Radiyo Igicaniro bati ni akamwemwe ntangere kubona uwo mumenyeshamakuru batasiba kuvuga ko yazira umwuga wiwe agirirwa ikigongwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu rihagarika ivyaha vyose yari yagirijwe. Jérémie Hatangimana avuga ko ari intsinzi ku mwuga wo kumenyeshamakuru.
Abamenyeshamakuru b’Abarundi bakorera mu mihingo itandukanye nabo nyene bakiriye neza iyo ngingo y’umukuru w’igihugu. Basaba ariko ko n’abandi bafungiwe ubusa borekurwa, imanza nazo zaciriwe abamenyeshamakuru batandatu bagirizwa gutembagaza ubutegetsi bw’Uburundi zigafutwa.
Abandi bakiranye umunezero ingingo y’umukuru w’igihugu igirira ikigongwe umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ni abakenyezi. Justine Nkurunziza wo mu muhari Inamahoro ati ni umunezero udasanzwe kubona uwo mupfasoni agiye gusubira mu bibondo vyiwe.
Umuvukanyi wa Irangabiye naho atashimye kuvugira kuri mikoro zacu yamenyesheje Ijwi ry’Amerika ko ingingo y’umukuru w’igihugu yayakiranye umutima ushima.
Forum