Uko wahagera

Hamas Ntiyitabiriye Ibiganiro Biyihuza na Isirayeri


Abahuza mpuzamakungu mu ntambara Isirayeri ihanganyemwo na Hamas uno munsi ku wa kane barahurira I Doha ku murwa mukuru wa Katari, mu biganiro vyo kurondera ingene impande zishamiranye zotanga agahengwe mu ntambara ibandanya mu ntara ya Gaza.

Isirayeri yavuze ko iza kwitabira ivyo biganiro biza kuba birimwo intumwa za Amerika, Misiri na Katari. Ni mu gihe ejo ku wa gatatu, Hamas yavuze ko itaza kubizamwo. Abaserukira uwo murwi bashobora kuza guhava bahura n’abahuza mu kanywababu katarimwo Isirayeri nkuko babandanya kubitangaza.

Ibiganiro vy’uno munsi biza kurimbura ingingo zitandukanye: Ingene hoboneka agahengwe k’intambara kamara indwi zitandatu, ingene ingabo za Isirayeri zova mu ntara ya Gaza cane cane ahari abanyagihugu benshi, ingene impande zitandukanye zohererekanya imfungwa z’intambara cane cane abapfasoni, abageze mu za bukuru n’abakomeretse n’irekurwa ry’abanyepalestina bagizwe imbohe.

Iyindi ngingo irimburwa ni ingene imfashanyo zoshikira abazikeneye, abanyepalestina bagizwe imbohe bagataha n’ugusanura Gaza. Ibikorwa vyo gusanura Gaza ariko bizoba intambwe zose zindi z’amahoro zagiye mu ngiro.


Ibiganiro vy’uno wa kane biza kuba mu gihe icuka kibandanya kuba kibi mu karere Isirayeri iherereyemwo: Hambavu y’ intambara itaracureha mu ntara ya Gaza, Isirayeri n’umurwi wa Hezbollah babandanya kurwanira mu micungararo y’umupaka wa Libani.

Ikindi kiriko congera icuka kibi, ni ibitero abarwanyi b’aba Houthi bo muri Yemeni babandanya kugaba ku bwato bw’ubucuruzi. Hari kandi umwikeko mwinshi ko Irani ishobora kwihora inyuma y’igandagurwa ry’umukuru wa Hamas, Ismail Haniyeh.

Naho Isirayeri itarigamba ko ari yo yamugandaguriye muri Irani mu kwezi guheze, impande zitandukanye zegeka urupfu rwiwe kuri yo. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG