Ubudagi, Ubufaransa, n'Ubwongereza vyasavye ko haba agahengwe muri Gaza. Ni mu gihe Isirayeri yiteguriye ibitero bikomeye ku butaka bwayo.
Ijambo ritera ako kamo ryateweko igikumu na prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron, umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi, Olaf Scholz n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Keir Starmer.
Abo bategetsi basavye kandi ko ingwano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas ihagarara buno nyene, abakigizwe imbohe bose bakarekurwa. Batangaje kandi ko abanyagihugu bo muri Gaza bategerezwa gushikirizwa ibifungurwa bakeneye ata nzitizi zihabaye.
Abategetsi b’ivyo bihugu bitatu barashigikiye umugambi uheruka gushikirizwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Katari na Misiri, ufie intumbero yo guhagarika ingwano imaze amezi 10 hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas.
Basaba kandi Irani n’imirwi bicuditse kwirinda gutera Isirayeri mu ntumbero yo kwihora kw’iyicwa ry’umwe mu bayobozi bakomeye b’umurwi Hezbollah i Beirut muri Libani hamwe n’umutegetsi akomeye wa Hamas ku murwa mukuru wa Irani Teherani.
Uyu musi ku wa mbere, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Isirayeri, Yoav Gallant, yatangaje ko yavuganye n’umushikirangananji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika Lloyd Austin ku bijanye no kwitegurira ibitero bikomeye Irani n’imirwi bicuditse bishobora gukora kuri Isirayeri.
Umutegetsi w’Amerika, Austin, yavuze ko igihugu ciwe kizofata ingingo zose zishoboka mu gufasha Isirayeri kwivuna umwansi. Yasiguye ko igisirikare ca Amerika kiriko kirongereza inguvu zaco mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi. (VOANEWS)
Forum