Uko wahagera

Muhammad Yunus Yatahutse muri Bangladesh Kuyobora Reta Mfatakibanza


 Muhammad Yunus yakirwa n'abasirikare ku kibuga cy'indege cya Dhaka muri Bangladesh taliki 8/8/2024
Muhammad Yunus yakirwa n'abasirikare ku kibuga cy'indege cya Dhaka muri Bangladesh taliki 8/8/2024

Muhammad Yunus, yatsindiye agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel, kuri uyu wa kane, yatahutse muri Bangladesh kuyobora reta mfatakibanza. Ni inyuma y'uko umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu, Sheikh Hasina, atanze imihoho agahunga mu gihugu.

Muhammad Yunus, afise imyaka 84 muri iki gihe, kuri uyu wa kane, yashitse ku kibuga c’indege mpuzamakungu co ku murwa mukuru wa Bangladesh, Dhaka avuye i Paris mu Bufransa. Yakiwe n’umutegetsi mukuru w’igisirikare c’igihugu, Jenerali Waker-Uz-Zaman, n’abandi bategetsi bakomakomeye b’igisirikare.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ari kuri ico kibuga, Muhammad Yunus yatangaje ko uyu ari umusi w’intsinzi nshasha kuri Bangladesh, ko igihugu ciwe kironse intahe ya kabiri yo kwikukira.

Ingingo y’abategetsi b’igisirikare yo kugena Yunus kuyobora reta mfatakibanza yakwirikiye uruhagarara n’ubwicanyi vyatumye umushikiranganji wa mbere, Sheikh Hasina atanga imihoho, akava mu gihugu. Abantu barenga 300 barishwe mu ndwi za mbere z’imyiyerekano yo kumwiyamiriza.

Umutegetsi mukuru w’igisirikare, Jenerali Waker-Uz-Zaman, mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo ku musi wa gatatu, yatangaje ko abagize uruhara mu ruhagarara n’ibwicanyi vyabaye bazokwirikiranwa imbere y’ubututngane.

Mohammad Yunus, yanonosoye ivyerekeye ubutunzi, yatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel mu mwaka w’i 2006, ku twigoro yakoze two kugabanya ubukene biciye mu ngurane ntoyi.

Mw’ijambo yashikirije kuva agenywe kuyobora reta mfatakibanza yatangaje ko ubwicanyi n’uruhagarara bihagarara, bagashimikira ku vyerekeye gusubira kwubaka igihugu. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG