Uko wahagera

Uburundi Busaba Abahungiye muri Tanzaniya Gutahuka Bubizeza Umutekano


Reta y’Uburundi ikomeje guhamagarira impunzi zose zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya gutahika ubizeza umutekano wabo n’ibyabo.

Ibyo bikubiye mu ijambo ryashikirijwe na Nibona Valentino Celestin icegera c’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu c’Uburundi mu nama nyabutatu yahuje Reta ya Tanzaniya, Uburundi na HCR hagati mu nkambi ya Nyarugusu kuri uyu wa gatatu..

Bwana Nibona yashimangiye y’uko reta ye ifise imigambi myinshi yo kwakira impunzi mu mutekano ukwiye, kubashakira inzira nziza z’amajambere mu miryango no kubaha imitahe.

Bamwe mu Barundi batuye mu nkambi ya Nyarugusu baserukiye bagenzi babo muri iyo nama basanga Reta y’Uburundi ikwiye gukemura ikibazo c’umutekano mbere yo kubahamagarira gutaha.

Ku ruhande rwayo, Reta ya Tanzaniya yo isanga umugambi wo gutahukana impunzi ku bwinshi utagiye mu ngiro nkuko vyari bikenewe. Reta yemeza ko kuva mu kwezi kwa mbere uyu mwaka turimwo hamaze gutaha abarenga gato 9,260 mu gihe hari hakenewe gutahukanwa abarenga 28.456. Bwana John Wariyoba Mwita ni umuyobozi ajejwe impunzi mu ntara ya Kigomawari muri iyo nama.

HCR muri iyo nama yo yavuze ko akazi kayo nyamukuru ari ugutanga imfashanyo zikwiye ku mpunzi, gukurikiza amategeko mpuzamakungu agenga impunzi.

Naho inama zo guhimiriza impunzi gutaha zama zabaye hafi buri kwezi mu nkambi za Nduta na Nyarugusu, ibitigiri vy’abataha ku bushake vyaragabanutse cyane. Benshi bavuga ko biterwa nuko benshi basanga ibibazo vyatumye bahunga bitarakemuka.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru y'Umumenyeshamakuru Jameas Jovin ari muri Tanzaniya

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:07 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG