Uko wahagera

Ukraine Inegura Mali Yahagaritse Imigenderanire y'Ivyo Bihugu


Reta ya Ukraine yatangaje ko ingingo ya Mali yo guhagarika imigenderanire nayo itabona kure, kandi yafashwe guhutihuti.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Ukraine bwatangaje ko Ukraine ibandanya kugendera ku mategeko mpuzamakungu, kandi yubahiriza ubwigenge n’imbibe z’ibindi bihugu. Ko kubera izo mvo abategetsi ba Ukraine biyamiriza bivuye inyuma ibirego vya Reta ya Mali vy’uko Ukraine ishigikiye iterabwoba mu makungu.

Ubwo bushikiranganji bwatangaje ko Ukraine, mu kijana ca mirongo ibiri, yabaye kimwe mu bihugu vyahizeho ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Bwamenyesheje kandi ko Ukraine yashigikiye yivuye inyuma uburengenzira bw’ibihugu vya Afrika bwo kuronka intahe yo kwikukira, kwikurako intwaro za gikoloni, harimwo igihugu ca Mali.

Bwatangaje ko muri ico gihe Uburusiya kubandanya ibitero bitagira insiguro muri Ukraine, kugeramira umutekano kw’isi, hamwe no kurenga ku ngingo ngenderwako z’ishirahamwe ONU zubahiriza uburengenzira bw’ibihugu vyo muri Afrika na kazoza karangwa n’ubwigenge.

Abategetsi ba Ukraine batangaje ko ingingo ya Reta ya Mali yo guhagarika imigenderanire n’igihugu cabo itabanje kugira amatohoza y’ukuri ku vyabaye mu buraruko bwa Mali, kandi ata vyemezo itanze vyerekeye uruhara rwa Ukraine mu vyabaye ibabaje.
Batangaje ko Ukraine ifise uburengenzira bwo gufata ingingo zose za politike zikenewe mu ntunbero yo kwishura ku ngingo itari iya kivandimwe yafashwe na Reta ya Mali. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG