Igitero intagondwa za Al Shabab zaraye zigavye mu micungararo y’ahantu hegereye ibahari hari umusenyi abantu baja kwinezererezako I Mogadishu ku murwa mukuru wa Somaliya cahitanye abarenga 30, gikomeretsa 63.
Majoro Abdifatah Aden Hassan avugira igipolisi ca Somaliya yatanze ano makuru avuga ko ico gitero cabanjirijwe n’urubombe rwaturukijwe mu ma saa yine z’ijoro. Ico gihe, hari abanyagihugu bari bakiri ku musenyi kwiryohera.
Zimwe muri videwo zashizwe ahabona n’ibimenyeshamakuru bikorera muri Somaliya zerekana abanyagihugu benshi baryamye hasi ku mucanga, bamwe bamaze gucikana abandi nabo bakomeretse kandi cane.
Inyuma yo guturitsa bombe, aba al-Shabaab 3 bambaye ibirwanisho vyinhi, baciye binjira muri imwe mu nzu y’uburiro yegereye umucanga barayikikuza.
Polisi ivuga ko yahavuye yica abo ba al-Shabaab batatu. Uwa kane mu bo bari kumwe yiyishe yiturikrijeko ibisasu.
Ibikorwa vyo gutabara abari bakiri bazima no kubohoza inzu y’uburaro abo barwanyi bari bigaruriye vyamaze amasaha ane nkuko polisi ibandanya kubivuga mu cegeranyo cayo. Ikibanza igitero cabereyemwo ubu kirakingiwe cane.
Abarwanyi ba al-Shabab barakunda kugaba ibitero kuri yo Plage yitwa Lido baraye bateye. Ni bimwe mu bibanza imiryango muri Somaliya ikunze gusohokeramwo. Hakunzwe cane kandi n’abakiri bato baja kuruhukirayo, hamwe n’abanyagihugu ba Somaliya baba hanze bajayo. ( VOA NEWS)
Forum