Uko wahagera

Bamwe mu Banyepolitike ba Amerika Bagiriza Google Kwivanga mu vy'Amatora


Mu gihe abahatanira ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Reta zunze Ubumwe za Amerika barara bataryamye, ubuhinga bwa none ngurukanabumenyi na bwo nyene ni kimwe mu bikoresho bikomeye vyabo. Hatabaye impari, haba ukwikekana canke ugukwiragiza inkuru zitarizo kuri izo mbuga.

Google, ikompanyi ikomeye mu vyo kumenyekanisha amakuru yoba ishaka guhengamira ku mukandida Kamala Harris ? Ku bw’ummuyobozi w’urubuga ngurukanabumeyi X rwahoze rwitwa Twitter, Elon Musk cokimwe n’abandi bashigikiye Donald Trump, ukwo guhengama ntikukiri ikinyegezwa. Abo barafise n’ivyemezo berekana.

Ica mbere ni ifoto yakwiragijwe na Elon Musk italike 28 z’uku kwezi kw’7, yerekana ko uwugerageje kurondera izina « Perezida Donald » ku rubuga rwa Google haza izina ryahinduwe rikaba « Donald Duck »

Abo bemeza kandi ko uwurondeye izina « Perezida Joe » aronka « Biden », mu gihe uwurondeye « Perezida Donald », urwo rubuga rwigira nkana rukanyegeza « Trump ». Abandi bagerageje muri ubwo buryo basanze Google iterekana igitero giheruka gukorerwa uwo aserukira umugambwe w’Abarepublikani Trump aho yarashwe amasasu ku gutwi.

Umukenguzamateka w’Umurepublikani muri reta ya Texas, Ted Cruz, yatangaje ku rubuga rwa X n’agashavu kenshi ati: “N’ubusazi. Google yisutse vyeruye mu vy’amatora. Abatwara Google bariko basuka ivyotsi nk’ibikoroza amosozi mu banyamerika, mu kubibagiza igitero cakorewe Trump aho hari abashatse kumugandagura”.

Mu gihe ivyagiriji bidasiba gushirwa ahabona, iyo sosiyete iri muri Kaliforniya yoyo yabwiye igitangazamakuru CBS ko ari ingorane z’ubuhinga bw’ivyuma ituma amazina amw’amwe ataboneka neza nk’ayabahoze batwara Amerika n’icegera c’umukuru w’igihugu w’ubu.

Ico bikoze, hari n’abanditse icegera ca Pereziza ntibaheraheze neza izina Kamala, n’abo nyene irindi zina “Harris” ntiriboneka. Google irahakana yivuye inyuma ko atamukozi wayo yabigizemwo uruhara mu buryo bwose.

Yamara, izo nsiguro ntizinyura abasanzwe barwanya iyo sosiyete yashinze imizi mu vyo gutumanatumanako amakuru kw’isi, mu gihe urwo rubuga n’izindi nka Twitter, Facebook, Instagram zisa n’izabaye ibikoresho muri politike ya Amerika.

Elon Musk abona ko bishobora kuba bitumwa n’uko abakozi ba sosiyete Alphabet, yavyaye Google bari mu bafashije cane Biden, agashimangira ko Google isigaye ikora ihengamiye ku ruhwande rumwe rwa politike.

N’aho biri uko, uwo Elon Musk nyene, asanzwe ari umwe mu bantu bakomeye bashigikiye Donald Trump mu vyerekeye ubuhinga ngurukanabumenyi, yaheruka kwifatirwa mu gahanga n’abakunzi ba Kamala Harris. Yari yakwiragije amasanamu atyoza uwo mukenyezi ariko arahiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu ca Amerika.

Izo mpari n’ukwagirizanya vyerekana ingene amakompanyi n’amasosiyete akomeye y’imbuga ngurukanabumenyi afise uruhara rukomeye mu matora na politike ya Amerika. Akabaye kose kuri izo mbuga zikunzwe cane ntikavugwako rumwe.

Forum

XS
SM
MD
LG