Uko wahagera

Hamas na Irani Vyegeka Igandagurwa rya Haniyeh Kuri Isirayeri na Amerika

smail Haniyeh yahora atwara umurwi wa Hamas.
smail Haniyeh yahora atwara umurwi wa Hamas.

Umurwi wa Hamas n’igihugu ca Irani vyegeka urupfu rw’indongozi ya Hamas, Ismail Haniyeh, kuri Isirayeri na Amerika. Isirayeri ntaco iratangaza. Amerika yabihakanye.

Umurwi wa Hamas uvuga ko Ismail Haniyeh yagandaguwe mu gatondo k’uyu wa gatatu avuye mu birori vyo kurahiza prezida mushasha wa Irani.

Ubutumwa umurwi wa Hamas wacishije ku rubuga rwayo wa telegrame buvuga ko Ismail Haniyeh yagandaguriwe ku muhana iwe uri I Teherani ku murwa mukuru wa Irani.

Irani haheze amasaha make nayo yaciye itangaza ko umwe mu bacungera Ismail Haniyeh yaguye mu gitero camuhitanye. Hamas na Irani ntivyatanze amakuru menshi kuri kamere y’ico gitero, cegekwa ahanini kuri Isirayeri.

Ishami rijejwe ivyo kurwana muri Hamas mw’itangazo ryasohoye ryavuze ko uwo umurwi wa Hamas ubwirizwa kwihora. Iryo tangazo rigira riti “ Iyicwa rya Haniyeh rigiye gushira intambara ku rundi rwego, kandi ingaruka zizoba umurengera.”

Irani nayo nyene yemeje ko izokwihora. Umukuru wayo Ali Khamenei yavuze ko Isirayeri yishize mu bihano bikaze. Yashinze ikigandaro c’iminsi itatu mu gihugu cose, yongera ivuga ko Amerika ifise uruhara ku rupfu rw’indongozi nkuru ya Hamas, kubera “Ishigikiye Isirayeri.”

Isirayeri ntaco iravuga ku rupfu rwa Ismail Haniyeh, canke ngo yigambe igitero camuhitanye. Igisirikare ca Isirayeri cavuze gusa ko kikiriko kirarimbura ivyabaye. Nta ngingo z’umutekano zirenze kuzahahora Isirayeri iratangariza abanyagihugu bayo.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, nawe yirinze kugira vyinshi avuga kw’igandagurwa ry’indongozi ya Hamas. Iyo ari muri Singapoure mu nama, yabwiye abamenyeshamakuru ko icihutirwa ari uko haboneka agahengwe k’intambara mu ntara ya Gaza, kugira intambara ntikwire akarere kose.

Antony Blinken yamiriye kure kandi ivyagiriji vya Irani vy’ukugira uruhara mw’iyicwa ry’indongozi ya Hamas, avuga ko Amerika itigeze inamenya amakuru y’umugambi wo kumwica.

Ismail Haniyeh agandaguwe inyuma y’amasaha 24 Isirayeri yemeje ko yishe indongozi y’umuhari wa Hezbollah. Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Isirayeri, Yoav Gallant, yasiguye ko kwivugana indongozi ya Hezbollah bidasiguye ko Isirayeri ishaka gukwiragiza intambara mu karere kose, ahubwo ari uburyo bwo kwitegurira ico yita “ Ibishobora gushika vyose.”

Hagati aho, impande zitandukanye zikomeje kugira ico zivuga kw’iyicwa rya Ismail Haniyeh. Igihugu ca Katari Ismail Haniyeh yari asanzwe abamwo, kikaba kiri no mu bifise uruhara runini mu biganiro vy’impande zishamiranye, cateye ivyatsi iyicwa ryiwe, kivuga ko rishobora gukwega akarambaraye. Katari yavuze kandi ko ibiganiro vy’amahoro bidashoboka mu gihe uruhande rumwe rugandaguye uwuhagarariye urundi mu biganiro.

Igihugu ca Misiri naco nyene gifise uruhara mu biganiro vy’amahoro hagati y’impande zompi, cavuze ko Isirayeri yerekanye ishaka rike rya politike mu vyo kugarukana ituze.

Palesitina, Ubushinwa, Uburusiya, Turukiya, Iraki na Emira ziyunze z’Abarabu navyo nyene biri mu bihugu vyateye ivyatsi igandagurwa rya Ismail Haniyeh. Uyu agize indongozi ya kabiri ya Hamas yishwe muri uno mwaka. Saleh Al-Arouri yahoze ari icegera ciwe yagandaguwe na Isirayeri mu kwezi kwa mbere k’uno mwaka.

Haniyeh yari ku burongozi bwa Hamas kuva mu 2017. Batatu mu bahungu biwe baguye mu gitero c’indege Isirayeri yagavye mu kwezi kwa kane uno mwaka. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG