Abahinga baragabisha ko hakenwe vyihuta gutuza iyandukizanya ry’ingwara ya Malariya kubera imiti imwe imwe itagikora.
Raporo yasohowe mu kinyamakuru c’abahinga mu buvuzi, yerekana ko amagara y’abantu amamiliyoni n’amamiliyoni ashobora kuba abangamiwe mu gihe ataco korwa mu gutuza iyo ngwara muri Afrika.
Iyo raporo ivuga ko umuti wa Artimezinini wari usanzwe ukoreshwa mu kuvura Malariya, utagituza umugera utera iyo ngwara mu bihugu bitandukanye vy’ubuseruko bwa Afrika.
Uguhindagurika kw’ubwoko bw’uwo mugera mu bantu vyaribonekeje mu bice cumi kw’ijana vy’abanduye ingwara ya malariya. Abo nabo bakaba baba muri Etiyopiya, Eritreya, U Rwanda, Uganda, na Tanzaniya.
Umwe mu bahinga bateguye iyo raporo, Lorenz von Seidlein, akorera mu biro vy’ubushakashatsi bwa Mahidol Oxford Tropical Medicine muri Bangkok mu gihugu ca Tayilande. Avuga ko naho ubwoko bw’imiti ya Artemisinin canke iyo batazira ACT yabaye ngirakamaro cane mu kurwanya Malariya mu myaka ya vuba, ibimenyetso bitari bike vyerekana ko itagifise inguvu zo kurwanya umugera utera iyo ngwara.
Muri aka kanya hagereranywa ko abana barenga igihumbi bahitanwa na malariya buri musi muri Africa. OMS igereranya ko mu mwaka wa 2022 malariya yahitanye abantu 608.000 kw’isi
Forum