Umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo, ANC, kuri uyu wa mbere, wirukanye Jacob Zuma yahoze ari Prezida wa Afrika y'epfo. Ni inyuma y'uko ashizeho umugambwe mushasha wahiganywe mu matora aheruka kuba muri ico gihugu.
Umugambwe wa Jacob Zuma, uMkhonto we Sizwe, uzwi kandi kw’izina rya MK, waronse hafi y’ibice 15 kw’ijana vy’amajwi mu matora aherutse kuba. Uza ubwa gatatu mu migambwe ikomeye cane muri Afrika y’epfo.
Vyatumye umugambwe ANC utakaza ibibanza vynshi wari ufise mu nama nshingamateka mu bwabaye ubwa mbere kuva ushitse ku butegetsi mu mwaka w’i 1994. Kuva ico gihe, umugambwe ANC warashizeho reta y’ubumwe hamwe n’iyindi migambwe itari mike, harimwo umugambwe ukomeye utavuga rumwe nawo, Democratic Alliance.
Naho Jacob Zuma yashinze umugambwe wiwe mushasha utavuga rumwe na Reta, MK, yagumye asaba kuguma ari umunywanyi w’umugambwe ANC.
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe ANC, Fikile Mbalula yatangaje ko umugambwe wiwe wasanze yarageramiye inyungu zawo mu gushinga umugambwe bihiganwa, muri iki gihe ufise ibibanza 85 mu nama nshingamateka yo muri afrika y’epfo. Mbalula yavuze ko inyifato ya Zuma iciye kubiri n’amategeko agenga umugambwe ANC. (AP)
Forum