Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Ukraine, Dmytro Kuleba azogendera Ubushinwa muri iyi ndwi. Azoganira ivyerekeye amahoro mu gihugu ciwe n'abategetsi b'Ubushinwa.
Dmytro Kuleba azogendera Ubushinwa kuri uyu wa kabiri ku butumire bw’abategetsi b’ico gihugu. Ibiganiro azogirana nabo bizoba bishimikiye ku kugene ibitero Uburusiya bubandanya gukora mu gihugu ciwe vyohagarara hamwe n’uruhara Ubushinwa bushobora kugira mu gushika ku nyishu ku bijanye n’intambara mu gihugu ciwe.
Kuleba azoganira ivyerekeye imigenderanire hagati y’igihugu ciwe n’Ubushinwa mu rugendo azogiramwo kuva kw’italiki 23 gushika kw’italiki 25 z’uku kwezi kw’indwi.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Ukraine, Dmytro Kuleba, yavuze ko ikibazo gikomeye cane azoganira n’abategetsi b’Ubushinwa ari ukurondera uburyo bwo guhagarika ibitero vy’Uburusiya n’uruhara Ubushinwa bushobora kugira mu gushika ku mahoro y’ukuri.
Urugendo rwiwe ntirusanzwe mu gihe Ubushinwa bubonwa ko bucuditse cane n’Uburusiya. Abategetsi b’Ubushinwa batangaje, mu mwaka w’i 2022, ko ugukorana hagati y’igihugu cabo n’Uburusiya kutagira aho kugarukira. Hari imisi mikeyi imbere y’uko Uburusiya butera Ukraine.
Naho Ubushinwa butiyamirije ibitero Uburusiya bubandanya gukora muri Ukraine kandi bwabandanije gufasha ubutunzi bw’Uburusiya, abategetsi ba Ukraine baritondeye ivyerekeye kunebagura Ubushinwa. Ubushinwa ku ruhande rwabwo bwatangaje ko imigenderanire yabwo n’Uburusiya ata gihugu na kimwe kindi igeramira. (VOANEWS)
Forum