Amerika Irashima Agahengwe k'Intambara Ingabo za Kongo na M23 Vyatanze

Vedant Patel
Vedant Patel

Reta zunze ubumwe za Amerika zirashima akigoro ko kwemera guhagarika intambara hagati ya Reta ya Kongo n’umuhari M23 mu kiringo c’iminsi 15. Ni akigoro kagira kabiri mu gice c’ubuseruko bwa Kongo hugarijwe n’intambara y’urutavanako. Akigoro ka mbere ntaco kavuyemwo kuko abantu babandanije kwicwa.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika bibona ko igihe c’agahengwe ko guhagarika intambara co gushika itarike 3 z’ukwezi kuza kwa 8 ari akaryo keza. Bisigura ko abo vyega bose harimwo abaserukira ibihugu vy’abo bazogerageza gutorera umuti intambara iri mu buseruko bwa Kongo.

Bamwe mu bahinga bari ku rubuga mu buseruko bwa Kongo bobo ntibabibona uko. Bafise amakenga ku ngaruka mbi zituruka kuri iyo ntambara imaze gutuma abantu barenga 940.000 bata izabo uyu mwaka gusa.

Ubutegetsi bwa Perezida Joe Biden bwemeza ko iyo ntambara igisibije mu buseruko bwa Kongo ibangamiye amahoro n’umutekano kw’isi, nk’uko vyashikirijwe n’umwe mu bavugizi b’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’amakungu.

Vedant Patel, yagize ati: “Turabandanya gukora ibishoboka vyose turi kumwe na Reta ya Kongo, u Rwanda, na Angola kugira ngo biciye mu nzira z’imigenderanire haboneke umuti urama intambara ihagarere burundu, hanyuma abavuye mu vy’abo batahuke”

Yamara, ntiyatomoye neza uburyo reta ya Amerika izokorana n’u Rwanda kuri ico kibazo mu gihe u Rwanda rwamirira kure ivyo rwagirizwa na raporo nyinshi z’abahinga ba ONU ko rushigikiye umuhari M23 urwanya reta ya Kongo.

Igice c’agahengwe ka mbere co guhagarika intambara hagati ya reta ya Kongo n’umuhari M23 cari carangiye ku munsi wa mbere w’iyi ndwi. Yamara, nticarangiye neza kubera haciye hicwa abantu 4 bo mu muryango umwe mu gace ka Bweramana, mu nkengera z’umuji wa Goma.

Umuvugizi w’Inama nkuru y’umutekano ya Amerika, Adrienne Watson, aratera ivyatsi ubwo bwicanyi. Yamara arashima ko impande zihanganye zari zubahirije agahengwe kasabwe na Amerika.

Abahinga hamwe n’amashirahamwe yigenga atabara imbabare I Goma ku murwa mukuru w’intara ya Kivu ya ruguru baratewe umutima uhagaze n’umutekano muke uharangwa.

Onesphore Sematumba, umuhinga akorera ishirahamwe mpuzamakungu, International Crisis Group, I Goma yabwiye Ijwi rya Amerika ko igisagara ca Goma kigeramiwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batazwi, bica abantu.

Hakiyongera abanyagihugu benshi bahunga intambara, bakeneye imfashanyo nyinshi. Afise amakenga ko ingwara nka Korera n’inzara bishobora kwica abatazoba bishwe n’intambara.

Onesphore Sematumba arababazwa n’uko abatanga imfashanyo ari bake, akabona ko ivyo bihumbi vy’abantu basa n’abibagiwe.

Ni mugihe umuvugizi wa deparitema ya Amerika ku musi wa kane yari yatangaje ko imfashanyo igera ku miliyoni 620 z’amadolari yari yatanzwe na Amerika kugira asahirize abugarijwe n’ubukene mu mwaka uheze.

Sematumba wewe asanga hamwe ikibazo c’umutekano muke kidatorewe umuti vuba, intambara ishobora gutandukira ibihugu bikikije Kongo nk’Uburundi, Uganda, u Rwanda, Tanzaniya na Kongo Brazaville.

Ashimangira ko utwigoro tw’ibiganiro vyabereye I Luanda muri Angola n’I Nairobi muri Kenya ataco twashitseko kuko ivyavuyemwo bitashizwe mu ngiro.

Agira ati : “Turashobora kwisanga mu ntambara nk’iyiruta iyo muri 1996 yateje ingaruka mu bihugu vyose bikikije Kongo aho ibisirikare vyinshi vya Afrika vyahuriye muri urwo rusobekerane rw’intambara”.

Gushika ubu amahoro asa n’uko akiri indoto ku banyagihugu benshi bo mu buseruko bwa Kongo, hasanzwe hari imigwi yitwaje ibirwanisho irenga 100.

XS
SM
MD
LG