Uko wahagera

Kongo Yahagaritse Ibikorwa Vyose vyo Gucukura Amabuye y'Agaciro n'Ubutare muri Kivu y'Epfo


Uburongozi bw'intara ya Kivu y’epfo muri Republika ya Demokarasi ya Kongo bwahagaritse ibikorwa vyose vy'abacukura amabuye y'agaciro n'ubutare muri iyo ntara guhera kuri uwu wa gatanu.

Indongozi z'iyo ntara zivuga ko zafashe iyo ngingo mu ntumbero yo gushira ku murongo ico gisata. Itangazo ryasohowe na buramatari w’iyo ntara rigira riti: “Bamwe mu bakozi ba reta bakorera mu gisata c’ubutare n’amabuye y’agaciro ntibagishoboye kwuzuza inshingano zabo kubera akajagari gaterwa n’abacukura ayo mabuye n’ubutare.”

Buramatari mushasha w’iyo ntara, Jean-Jacques Purusi, yatanguye imirimo yiwe mu kwezi kwa gatandatu, yipfuza ko ubuyobozi bwoshobora gukurikirana vyimbitse ivy’ubutare n’amabuye y’agaciro kuva bicukurwa kugera bigera mu bihugu bijanwamwo.

Nkuko vyatangajwe n’umwe mu bafasha biwe bo hafi, iyo ntara yipfuza kandi kubivanamwo umusaruro ufadika.

Amasosiyete yose n’amakoperative bikorera muri ico gisata vyategetswe kuba vyavuye aho bikorera bitarenze amasaha 72.

Intara ya Kivu yo mu bumanuko iza mu za mbere zifise amabuye y’agaciro n’ubutare buzimvye birimwo inzahabu, cassitérite gasegereti, kolutani n’ibindi. Menshi mu masosiyete acukura ubutare n’amabuye y’agaciro muri iyo ntara afise uburenganzira bwo gukorera muri Kongo, ariko abayashiramwo imitahe bakava hanze, cane cane mu Bushinwa. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG