Uko wahagera

Kenya: Prezida Kenya Yatanguye Kugena Abashikiranganji Bashasha

Prezida William Ruto wa Kenya
Prezida William Ruto wa Kenya

Inyuma y'indwi imwe Prezida William Ruto wa Kenya akomboye abagize reta yiwe nka bose, uno munsi yagenye bamwe mu bashikiranganji bashasha.

Mw’ijambo Prezida wa Kenya William Ruto yashikirije kuri tereviziyo y’igihugu, yavuze ko muri rusangi yagenye vy’imfata kibanza abashikiranganji 11: Uw’intwaro yo hagati mu gihugu, uw’amagara y’abantu, uwujejwe ivy’inyubako, uw’ivyinyigisho, uwo kwivuna abansi, uw’uburimyi, uw’ibidukikije, uwujejwe ivy’amazi, uwujejwe ivyo kunguruza abantu n’ibintu, uwujejwe ivyo guhanahana amakuru, n’uwujejwe ivy’ubutungane.

Muri iryo jambo, Prezida Ruto yavuze ko ariko arakorana ibiganiro n’imigambwe itandukanye kugira atangaze amazina yandi y’abo yipfuza ko botwara ubushikiranganji 10 busigaye. Kenya ifise ubushikiranganji 21.

Mu ndwi iheze, Prezida Ruto yavanyeho abashikiranganji bose bagize reta yiwe inyuma y’imyiyerekano ikaze y’abiyamiriza umugambi wari ugamije kuduza amatagisi ku vya ngombwa.

Mu gihe n’ubu imyiyerekano y’abamusaba kwegura ikibandanya, yabwiye abanyagihugu ko ibihe igihugu amaze imyaka 2 atwara kirimwo, vyafashije Kenya kubaka ico yise urunani rwa bose.

Yagize ati:" Naho ivyabaye mu kwezi guheza vyateye ishavu n’ivyizizi kuri benshi, intureka zimaze iminsi mu gihugu zaduhaye akaryo keza ko kubaka urunani rwagutse kandi rurimwo bose nk’igihugu, kugira dushike kw’iterambere ry’igihugu n’iry’abanyakenya.

Mu bashikiranganji bashasha Prezida Ruto yagenye, harimwo abahora muri reta yasheshe mu ndwi iheze. Abo, barimwo nka Kithure Kindiki, atwara ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Ubwo bushikiranganji ni nabwo bubarizwamwo igipolisi gihanganye n’abiyerekana.

Intambwe ikurikira, ni uko inama nshingamateka ica yemeza abo Prezida William Ruto yagenye.

Forum

XS
SM
MD
LG