Uko wahagera

Barack Obama Yoba "Yaravuze ko Amahirwe y'Uko Biden Atsinda Amatora Ari Make"


Prezida Joe Biden na Barack Obama
Prezida Joe Biden na Barack Obama

Barack Obama yakoze ari prezida wa Amerika mu minsi ya vuba, yabwiye bamwe mu bamwegereye ko amahirwe y'uko Joe Biden atsinda amatora ya prezida yo muri uno mwaka ari make cane.

Ikinyamakuru The Washington Post co muri Amerika kibitangaza kivuga ko Obama yabwiye incuti ziwe ko Joe Biden yamubereye visi prezida mu kiringo c’imyaka 8, yari akwiye gufata akanya ko kwiyumvira cane, kuri kandidatire yiwe mu kibanza ca prezida wa Amerika. Ikinyamakuru The Washington Post Ijwi ry'Amerika rikesha ino nkuru, kivuga ko aya makuru cayavanye mu masoko yaco yuzuzanya.

Kuva Prezida Joe Biden akorana ikiganiro mpaka na Donald Trump, Obama yabwiye abatandukanye ko guheba kuba umukandida w’abademokrate mu matora y’uno mwaka, canke kubandanya urugamba akaguma ari we ari umukandida w’uwo mugambwe ari ingingo yokwifatira ubwiwe.

Obama, nkuko The Washington Post ibandanya kubivuga, yavuze ko ikimuraje ishinga ari ugukingira Biden biciye mu gutuma ivyiza yashitseko mu myaka amaze ku butegetsi bitaba imfagusa. Obama yabwiye abo bavuganye bose ko yumva vy’ukuri afise inshingano zo kuba umwe mu bakwiye gukingira Biden, kandi ko yemera adahigimanga ko Joe Biden yabaye umuprezida mwiza, ari naco gituma ari ngombwa y’uko ivyo yashitseko bikingirwa.

Ku bwa Obama, iragi rya Biden n’imigambi myiza yaranguye, vyogorona ko bikingirwa igihe abarepublikane boramuka bafashe ubutegetsi. Obama yahakaniye ariko incuti ziwe bayaze kuri iki kibazo, ko “ari we wenyene ashobora gutuma Joe Biden afata ingingo”

The Washington Post mu nkuru yayo ibandanya kuvuga ko, mu mpisho atabikora ku mugaragaro, Barack Obama yavuganye akatari gake n’abademokrate bagenzi biwe batipfuza ko Biden yoguma ari we mukandida wabo, ababwira zimwe mu ntambamyi Joe Biden afise.

Abahaye aya makuru The Washington Post, bemeza ko mu bakoranye ibiyago na Obama kuri iki kibazo, harimwo Nancy Pelosi yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika. The Washington Post iti: “Amasoko yacu yatubwiye ko Obama ibi biyago yabikoranye umwete n’ubwira.”

Obama yoba kandi yarabwiye bamwe mu bo bayaze ko ahangayikishijwe n’uko “ibipimo bigenda birerekana ko Donald Trump ariko araduza amajwi y’abazohava bamutora, mu gihe Prezida Joe ayatakaza”, abatandukanye bakaba basa n’abamukuyeko amaboko mu kwanka gutanga amafaranga amufasha kwiyamamaza.

Umuvugizi wa Barack Obama yahoze ari prezida wa Amerika yanse kugira ico avuze kuri ino nkuru.

Hagati aho, Prezida Joe Biden n’abamufasha kwiyamamaza baratomoye ko adashobora guheba kwitoza mu matora nk’umukandida w’abarepuburikane.

Ku munsi wa gatatu, yaciriye hagati ibikorwa vyo kwiyamamaza kubera ko yanduye umugera wa virusi ya Corona. Ibiro vyiwe vyavuze ko naho yikumiriye kugira ntihagire uwo yanduza, abandanya gukorera ku muhana iwe, kandi ataremvye. (The Washington Post)

Forum

XS
SM
MD
LG