Abategetsi bo mu bihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Buraya batanguye inama isaba ubumwe mu bikorwa vyo gushigikira igihugu ca Ukraine mu ntambara gihanganyemwo n’Uburusiya. Muri iyo nama iriko ibera mu Bwongereza, Prezida wa Ukraine yanebaguye imigenderanire iri hagati ya Hongriya n’Uburusiya.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Keir Starmer, yugurura iyo nama yasavye abayitabiriye gutomora ko bakiri ku murongo umwe mu gufasha Ukraine kwikura mu co yise “Agasomborotso k’Uburusiya.”
Starmer yumvikanishije ko “ubushotoranyi” Uburusiya bwakoze kuri Ukraine, bwagize ingaruka ku mugabane wose wa Buraya agira ati: “ Benshi muri twe, twabibonyemwo nk’ibitero kuri demokarasi yacu. Abanyagihugu babangamirwa mu mabarabara yacu. Indege za gisirikare zinjira mu birere vyacu. Ubwato busugera amazi yacu. Uyu ni wo mwanya wo kugwiza ibikorwa.”
Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, ni we yari umutumire w’iteka muri ino nama. Afata ijambo, nawe yashimiye ibihugu vya Buraya bibandanya gushigikira igihugu ciwe, avuga ko prezida w’Uburusiya adashobora kuzohangana n’indongozi nziza zisenyera ku mugozi umwe. Ati: “Ibi gose biradufasha”.
Zelenskyy atadoma urutoke ngo adudurireko uwo ariko aravuga, yanebaguye imigenderanire umushikiranganji wa mbere wa Hongriya, Viktor Orban, afitaniye n’Uburusiya, n’urugendo aheruka gukorera muri ico gihugu. Yasiguye ko ibihugu vya Buraya bigiranira imigenderanire n’Uburusiya ataco biba biriko birafasha Ukraine mu rugamba irimwo.
Viktor Orban, nawe nyene yitabiriye ino nama. Agishika mu Bwongereza, yabwiye abamenyeshamakuru ko ashigikiye Ukraine, ariko yemera ijana kw’ijana ko Ukraine idashobora gutsinda Uburusiya, kandi umuti w’amatati hagati y’ivyo bihugu bibiri udakwiye kuba intambara.
Umushikiranganji wa mbere wa Hongriya yagendeye Uburusiya mu gihe igihugu ciwe cari kiramukiwe mu burongozi bw’umuryango w’ubumwe bwa Buraya muri uku kwezi kw’indwi. Yavuze ko urugendo yakoze rwari rugamije kuraba ingene hoboneka amahoro hagati ya Ukraine n’Uburusiya. Ubumwe bwa Buraya bwamwiyamye yamara buvuga ko urwo rugendo yarukoze ku gatwe kiwe, atarukoze kw’izina ry’uwo muryango. (VOA NEWS)
Forum