Uko wahagera

ONU: Abanyagihugu ba Sudani Babandanya Guhunga Inzara n'Intambara


Ishami rya ONU ryitaho impunzi, OMS, ritabariza abanyagihugu ba Sudani, ryemeza ko bugarijwe n’ikigoyi. OMS, isigura ko inzara irengeje urugero iri muri Sudani iriko ituma ibiharuro vy’abahunga ico gihugu gisanzwe cugarijwe n’intambara vyiyongera.

Muganga Shible Sahbani, aserukira OMS muri Sudani, yabwiye abamenyeshamakuru I Geneve mu Busuwise ko mu rugendo yahoramwo muri Cadi yabonanye n’impunzi z’abanyagihugu ba Sudani bemeza ko bahunze inzara batahunze ingwano.

Dr Shible Sahbani, yagize ati: “ Bambwiye ko batahunze umutekano muke canke ngo bahunge kubera kubura ivya nkenerwa. Bahunze kubera badafise ikintu na kimwe baha umunwa.”

Amaraporo aheruka gukorwa ku kibazo c’inzara muri Sudani, yerekana ko inzara n’amapfa biri muri muri ico gihugu bitigeze bigera ku rugero biriko mu mateka yaco. Mu mezi atandatu aheze, abanyagihugu bugarijwe na kigoyi bavuye ku miriyoni 17 n’ibihumbi 700, baja ku miriyoni 25 n’ibihumbi 600.

Abahinga berekana ko intambara imaze amezi 14 muri Sudani ikabandanya, ibintu bizoyangara gusumba uko biri. Hambavu y’intambara n’inzara vyugarije abanyagihugu ba Sudani, hiyongerako amabi ariko akorerwa abana n’abagore.

Biri uku mu gihe ibiharuro bishasha bitangwa na ONU vyerekana ko abamaze guta izabo kubera intambara ya Sudani barenze imiriyoni 12. Igihugu ca Cadi cakira impunzi nyinshi zivuye muri Sudani, ku munsi ku munsi cakira bashasha bari hagati ya 500 na 700.

Hagati aho, ku ma miriyaridi 2 na miriyoni 700 y’amadorari ya Amerika akenewe kugira abanyagihugu ba Sudani baronke imfashanyo zikwiye, ONU imaze kuronka ibice 30% vyonyene. Igisata ca ONU kijejwe ivy’ubutabazi, OCHA, kivuga ko aya amafaranga yose akenewe atabonetse vyihuta, Sudani izorwa mu kaga katagira izina. (VOA)

Forum

XS
SM
MD
LG