Ibisigarira vy’Umuhisi Petero Buyoya yahoze ari prezida w’Uburundi vyatahukanywe mu gihugu c’amavukiro yiwe.
Vyazanywe n’indege yegukira igihugu ca Etiyopiya, Ethiopian Airlines, yashitse ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye I Bujumbura mu ma saa cenda yo mu Burundi.
Nta mutegetsi n’umwe w’Uburundi yari ahari. Ntibiramenyekana neza nimba reta y’Uburundi hari uwo izorungika mu mihango yo kumushingurana iteka ubwa nyuma izobera muri komine ya Rutovu iri mu ntara ya Bururi, ejo ku wa gatatu.
Frederic Bamvuginyumvira yabaye icegera ca mbere ca Buyoya kuva mu 1998 kugera mu 2001, arashima ko Uburundi bwemeye ko umuryango wa Nyakwigendera uja kumushingura mu Burundi. Anegura yamara ko ubutegetsi bw'ico gihugu butemereye umuryango gutahukana ikiziga ciwe agishengera, ngo bwongere bumuhe iteka rikwiye abatwaye Uburundi.
Mu kiganiro Bamvuginyumvira yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, yasiguye ko Uburundi bwari bukwiye gutegura ikibanza c'iteka gishingurwamwo abatwaye ico gihugu, kandi ata n'umwe mu batwaye Uburundi yari abwirijwe kwaka iryo teka. Fyonda hasi wumve ibindi Bamvuginyumvira yayaze na Nininahazwe.
Prezida Buyoya yitavye Imana igenekerezo rya 17 ukwezi kwa cumi na kabiri ko mu 2020. Yaguye mu Bufaransa azize virusi ya Corona, yamuhitanye afise imyaka 71.
Kuva igenekerezo rya 29 z’ukwezi kwa 12 ko mu 2020, yari ashinguwe muri Mali. Yagiye gushingurwa muri ico gihugu, kuko agishengera "Uburundi bwanse ko atahukanwa, agashingurwanwa iteka rihabwa abahoze ari abakuru b’igihugu."
Petero Buyoya yashengeye haheze indwi zitatu atanze imihoho mu mabanga y’intumwa idasanzwe y’Ubumwe bwa Afrika muri Mali n'akarere ka Sahel yari yagiyemwo kuva mu 2012.
Atanga imihoho, yavuze ko abikoze kugira aronke umwanya ukwiye wo gukurikirana urubanza yari aheruka gucirwa na sentare ntahinyuzwa yo mu Burundi muri dosiye y'igandagurwa rya Melchior Ndadaye, na we yahoze atwara Uburundi.
Muri urwo rubanza, ubutungane bw’Uburundi bwari bwamuciriye umunyororo wo gufungwa ubuzima bwiwe bwose, co kimwe n’abandi basirikare b’intwazangabo bari kumwe ku butegetsi muri ico gihe.
Perezida Buyoya yatwaye Uburundi ibiringo bibiri, afashe igihugu biciye mu gutembagaza ubutegetsi. Ubwa mbere hari kuva mu mwaka w’1987 gushika mu mwaka w’1993, ubwa kabiri hari kuva mu mwaka w’1996 gushika mu mwaka w’2003, hamaze gusinywa amasezerano ya Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.
Forum