Uko wahagera

Umuriro wo mu Mashamba ya Afurika y'Epfo Wahitanye Abawuzimya 6


Muri Afrika y’epfo abakozi batandatu bitavye Imana, bari mu bikorwa vyo kuzimya umuriro wadutse mu mashamba yo mu ntara ya KwaZulu-Natal.

Uwo muriro wadutse kuri uno musi wa mbere wongeye urageramira abandi bakozi babiri bajejwe gutaba, nk’uko vyatangajwe n’ibiro vy’abajejwe gutabara vyihuta.

Abategetsi bakeka ko uwo muriro wakijwe n’abasuma bariko bahiga ibikoko, kugira bavyice bace baja kubigurisha.

Roland Robertson umuvugizi w’ibiro bijejwe ibikorwa vyo gutabara mu buryo bwihuta, yavuze ko abakozi batatu bajejwe kuzimya imiriro bitavye Imana ako kanya nyene, mu bikorwa barimwo mu gisagara citwa Boston, kiri ku birometero 130 bw’igisagara ca Durban.

Yavuze ko abandi bakozi bazimya imiroro batatu bajanywe ku bitaro aho bashizwe muvyuma bibafasha guhema, ariko mu nyuma na bo baciye bitama Imana.

Robertson yavuze kandi ko uwundi mukozi umwe, muri aka kanya akiri mu vyuma vyo kumufasha guhema, uwundi na we amagara yiwe akaba ageramiwe cane.

Yavuze kandi ko bamwe muri abo bantu bica ibikoko vyo mw’ishamba mu buryo butemewe bashobora kuba na bo nyene, bakomerekeye mu miriro ikomeye yadukiye hafi y’imirima y’abanyagihugu. Muri aka kanya nta muntu n’umwe muri abo bantu bahiga ibikoko, arafatwa.

Forum

XS
SM
MD
LG