Uko wahagera

Siriya mu Nzira yo Kwemeza Ibwirizwa Nshingiro Rishasha


Prezi da wa Siriya, Bashar al-Assad
Prezi da wa Siriya, Bashar al-Assad

Muri Siriya, abanyagihugu bariko baratora abashingamateka bashasha , bashobora kwemeza ikirindi kiringo ca Prezida Assad ku butegetsi

Ayo matora y’abashingamateka bashasha, Abanyesiriya barimwo kuri uno musi wa mbere, ashobora kuvamwo ibitari bike, bitari vyitezwe.

Ayo matora ashobora guatuma ibwirizwashingiro rihinyanyurwa, akanatuma Prezida Basha Assad yari kuzova ku butegetsi mu mwaka wa 2028, yongereza ikiringo c’intwaro yiwe. Ayo matora abaye ayagira kane, kuva imyiyerekano ikomeye irwanya reta, ibaye.

Iyo myiyerekano ni yo kandi yatumye reta ya Syria ikoresha inguvu mu kuyigarika, ari navyo vyatumye haba uruhagarara mu mwaka w’2011, rwanagize kandi rubandanya kugira ingaruka mbi ku butunzi bw’igihugu.

Muri ayo matora y’uyu musi ku wa mbere, Abanyasyria bahunze igihugu kubera intambara, nta burenganzira bafise bwo gutora.

Forum

XS
SM
MD
LG