Uko wahagera

Kenya: Polisi Yataye muri Yompi Uwishe Abagore 42

Igipolisi ca Kenya cavuze ko cafashe umwicanyi karuhariwe yemeye kuba ari we yishe abakenyezi 4,2 agata ibiziga vyabo mw’iyarara.

Kuva ku musi wa gatanu ni ho imivyimba y’abantu icenda yagiye iratorwa, yashizwe muri za kamwanya, zatawe mu kibanza gitabwamwo imicafu, mu karere ka Mukuru gatuwemwo na ba ntahonikora, hafi y’umurwa mukuru Nairobi.

Umuyobozi mfatakibanza w’igipolisi ca Kenya Douglas Kanja, yavuze ko uyo mugabo yemanze ko ari yakoze ivyo vyaha, yitwa Collins Jumaisi Khalushaafise imyaka 33. Yafashwe uyu musi wa mbere mu masaha ya saacenda zo ku muhingamo, ari hafi y’ahantu hari akabare.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ryatangaje ko amatohoza amaze gukorwa yerekana ko uyo mugambo yemanze ubwo bwicanyi, yavuze ko yagiye arahendahenda abo bakenyezi, gushika aho abica agata ibiziga vyabo vyose 42 mw’iyarara. Uwa mbere yamwishe amunize. aca amuta muri iryo yarara nyene.

Kanja yavuze ko amatohoza ku kuntu abo bantu bose bishwe atangura gukorwa kuri uno musi nyene.

Forum

XS
SM
MD
LG