Ingabo za Isirayeri zabandanije ibitero mu ntara ya Gaza. Ivy'ejo ku wa kabiri vyahitanye abantu 29. Ibimenyeshamakuru bitandukanye bitangaza ko ibitero vy’indege za Isirayeri mu bisagara vya Nuseirat na Khan Younis vyahitanye abantu barenga batanu, bikomeretsa benshi batatangajwe igitigiri.
Mu gisagara ca Deir al-Balah abahitanywe n’ibitero vya Isirayeri ni umunani. Igisagara ca Deir al-Balah kiri mu bibanza Isirayeri yari yasavye abanyagihugu guhungiramwo, ivuga ko gikoreshwa mu bikorwa vy’ubutabazi, gutyo ata gitero na kimwe gishobora kugikorwako.
Isirayeri isigura ko yagwije ibitero muri Gaza, mu ntumbero yo kurondera umwe mu bagwanyi bakomeye ba Hanmas bagize uruhara mu bitero vyo mu kwezi kwa caumi ko mu 2023, ku butaka bwayo.
Hamas yagabishije ivuga ko ukugwiza ibitero kwa Isirayeri kuzobangamira cane umugambi wo gutanga agahengwe impande zose zaheruka kwumvikanako.
Bitegekanijwe ko abategetsi bakorera iperereza rya Misiri, Amerika na Isirayeri uno munsi bahurira muri Katari mu nama yo kwihutisha amasezerano atangwa agahengwe k’intambarea.
Hagati aho, ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe, Médecins sans frontiers, ryagabishije ko mu ntara ya Gaza ata bikoresho vyo kuvura biriyo. MSF rivuga ko haheze amezi abiri, ata modoka yayo n’imwe yemerewa gushika muri Gaza kubera umutekano muke. Iryo shirahamwe ryasavye rishimitse Isirayeri kugurura amayira, kugira rishobore gutwara ibikoresho vyo kwa muganga muri Gaza.
Forum