Uganda yamirira kure ibirego vy'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, bivuga ko ico gihugu gishigikiye abarwanyi ba M23.
Koloneli Deo Akiiki, icegera c’umuvugizi w’igisirikare ca Uganda yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko ibirego vy’abahinga bigenga ba ONU, ata shingiro na rito bifise.
Koloneri Akiiki yagize ati: “ Ingabo zacu zakoranye ahubwo n’iza Kongo mu kugarukana amahoro mu buseruko bw’ico gihugu. Ibirego vy’abahinga ba ONU ni ibinyoma vyeruye.
Ejo ku wa kabiri, abahinga ba ONU bigenga bashizweho n’akanama ka ONU kajejwe umutekano, barasohoye icegeranyo kivuga ko bafise ivyemezo vy’uko ipererreza rya Uganda rifasha cane abarwnayi ba M23.
Abo bahinga bavuga ko abarwanyi ba M23, akatari gake baja muri Uganda ataco binona. Ku bwabo bahinga, abarwanyi ba M23 baca ku butaka bwa Uganda incuro nyinshi, gurtyo bikaba bitokunda ko Uganda itamenya aya makuru.
Raporo nshasha y’abo bahinga ba ONU yagiriz kandi u Rwanda kuba rwarabangamiye ubwigenge bwa Kongo, no gufasha cane abarwanyi ba M23. Ku bwabo bahinga, u Rwanda rusa nkaho ari rwo ruyoboye M23, ku butaka bwa Kongo rukahagira inghabo ziharurwa mu bihumbi 3.
Forum