Abarundi baba muri Amerika n’abatumire babo baturuka mu bindi bihugu, ku wa gatandatu w'indwi iheze barahimbaje imyaka 62 iheze Uburundi bwikukiye.
Ibirori vyabereye mu micungararo y' I Washington DC, ku muhana wa Ambasaderi Jean Bosco Barege, aserukira Uburundi muri Amerika.
Mu batumire b'iteka bitabiriye ivyo birori, harimwo Jeff Kemple, ajejwe Uburundi mu bushikiranganji bw'imigenderanire ya Amerika na Sarah Pandula, icegera c'umukuru w’ibiro bijejwe Afurika muri ubwo bushikiranganji.
Mu kiganiro cihariye Ambasaderi Jean Bosco Barege aserukira Uburundi yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Auriane Itangishaka, yishimiye umubano mwiza hagati y’Uburundi na Amerika.
Fyonda hasi wumve ibindi vyavugiwe muri ico kiganiro.
Ibirori vy'isabukuru igira 62 yo kwikukira k'Uburundi, vyaranzwe kandi n'imvyino z'Uburundi hamwe n'indirimbo zateramishijwe n'Umuririmvyi kama August Burundi, yaje ava muri reta ya New Hampshire. Fyonda hasi kuri iyo videwo urabe bamwe mu bitabiriye ivyo birori bariko batamba imvyino ziremeshejwe n'Umuririmvyi August.
Forum