Uko wahagera

Prezida wa Kenya Yipfuza Kugabanya Amafaranga Reta Ikoresha


Prezida wa Kenya Willam Ruto yashikirije umugambi wo kugabanya amafaranga igihugu kizokoresha, inyuma y’aho habereye imyiyerekano mu gihugu cose.

Prezida Ruto yongeye arashikiriza umugambi wo gusaba iyindi ngurane, mu ntumbero yo kuronsa igihugu umutahe ungana hafi n’imiriyaridi zibiri na miliyoni 700 z’amadolari y’amerika. Aya yari kuva mu makori n’amatagisi vyari mu mugambi yahevye kubera abanyagihugu bawiyamirije.

Ruto yahagaritse integuro y’itegeko ryari kuduza amatagisi, inyuma y’aho habereye imyiyerekano mu gihugu cose, yabayemwo uruhagarara rutari bwashike kuva afashe ubutegetsi mu myaka ibiri iheze. Mu ndwi iheze, abantu 39 barishwe igihe abapolisi bari bahanganye n’abariko baragira imyiyerekano, bashaka kwinjira ku nguvu mu nyubakwa,abashingamateka bakoreramwo.

Mukiganiro yatanze kuri televiziyo, Ruto yavuze ko agiye gusaba abashingamateka kugabanya umumiliyaridi umwe na miliyoni 39 z’amadolari ku mafaranga igihugu gitegekanya gukoreshwa mu kiringo c’umwaka, catanguye muri uku kwzi. Yavuze kandi ko reta izokenera gusaba ingurane ingana n’ imiliyaridi 169 y’amashilingi yo muri Kenya.

Ruto arahanzwe n’ikigega mpuzamakungu, FMI, kimusaba kugabanya amafaranga y’umurengera igihugu gikoresha, nk’uko ahanzwe n’abanyagihugu bageramiwe n’ubuzima busigaye buzimvye.

Abahinga mu bijanye n’ubutunzi bavuga ko ingingo ya Prezida Ruto yo guheba integuro y’itegeko ryateganya kuduza amatagisi, ishobora gutuma igihugu ciwe kitarangura imigambi casabwe n’ikigega mpuzamakungu FMI, naho muri iki gihe ata madeni yihutirwa gitegerezwa kuriha. (Reuters)

Forum

XS
SM
MD
LG