Uko wahagera

Umugambi wo Gutahukana Ingabo za Amerika Ziri muri Nijeri Ugeze Kure


Amerika izovana abasirikare bayo bose bari muri Nijeri mw’ikambi ya y’abarwanira mu kirere yiswe Iy’I 101 kuri uno wa Mungu. Igisirikare ca Amerika catangaje ano makuru kuri uno wa gatanu, kivuga ko ikizoca gikurikira ari ugutahukana abasirikare bayo bandi bari mw’ikambi ikomeye irimwo indege z’intambara zitagira abadereva, Drone.

Umunyamerika Majoro Jenerari Kenneth Ekman, ari ku rubuga muri Nijeri guhagarikira ibikorwa vyo gutahuka kw’ingabo za Amerika, yavuze ko ugukinjura burundu kw’abasirikare ba Amerika mw’ikambi y’101, bizosozerwa n’ibirori.

Ikambi y’abasirikare barwanira mu kirere y’101, ihererereye ku murwa mukuru wa Nijeri, Niamey, mu micungararo y’ikibuga c’indege ca Diori Hamani. Yahoze ibarizwamwo ingabo z’Ubufaransa imbere y’uko Nijeri izisaba gutahuka. Indege zose za girikare zikora ibikorwa vy’amaperereza mu karere ka Sahel, ziguruka zivuye muri iyo kambi. Kugera ino saha, yarimwo ingabo za Amerika 1000, kandi zose zizoca zitahuka. Iyo kambi izcoca ija mu minwe y’ubutegetsi bwa Nijeri nkuko abategetsi ba Amerika babandanya kubivuga.

Amerika ikinjuye mu gihe Uburusiya bwarungitse ingabo muri iyo kambi nyene. Abategetsi ba Amerika aha bakavuga ko ata migenderanire ingabo zabo zigeze zigirana n’izo z’Uburusiya.

Jenerari Majoro Ekman, yavuze ko ubwa nyuma bavugana n’umutegetsi wa Nijeri, yamubwiye ati: “ Ingabo z’Uburusiya ziri muri iyo kambi ntizigera kw’ijana. Ziriko zikora imyimenyerezo ya gisirikare. Nizaheza iyo myimenyerezo, zizoca zisubira iwabo vyihuse.”

Abasikra batembagaje ubutegetsi muri Nijeri mu kwezi kwa kane ni ho basaba Amerika gutahukana ingabo zayo. Imbere y’itembagazwa ry’ubutegetsi, Amerika na Nijeri vyari bifitaniye imigenderanire myiza mu bijanye no gukorana mu vyo kurwanya intagondwa zibangamiye akarere ka Sahel.

Forum

XS
SM
MD
LG