Uko wahagera

Ubumwe bwa Buraya Rwiyamiriza Imigenderanire na Hongriya n'Uburusiya


Umushikiranganji wa mbere wa Hongriya, Viktor Orban, ari mu rugendo i Moscow ku murwa mukuru w’Uburusiya. Urwo rugendo rwiyamirijwe n’Ubumwe bwa Buraya. Umukuru w’igisata kijejwe gutanga amakuru mu biro vya Orban yavuze ko uwo mutegetsi yagiye mu Burusiya kugirana ibiganiro na Prezida w’ico gihugu, Vladimir Putin.

Mu butumwa bwa imeyeri, Bertalan Havasi avugira ubushikiranganji bwa mbere muri Hongriya, agira ati: “Yagiye mu Burusiya mu twigoro twiwe two gutsimbataza amahoro. Yaherekejwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Hongriya n’ayandi makungu.”

Joseph Borrell atwara igisata kijejwe imigenderanire y’Ubumwe bwa Buraya n’amakungu, yavuze ko urugendo rwa Orban mu Burusiya, rufatwa nk’urwega Uburusiya na Hongriya, rutaraba ubumwe bwa Buraya. Yagize ati: “Ubumwe bwa Buraya ntibwigeze bumutuma mu Burusiya. Akanama k’Ubumwe bwa Buraya karabujije ibihugu biri muri uwo muryango kugirana imigenderanire na Prezida Vladimir Putin. Umushikiranganji wa mbere wa Hongriya ari mu Burusiya ku giti ciwe. Ntagiye ku bw’Ishirahmwe rya Buraya, EU.”

Hongriya kuva mu ntango z’uku kwezi ni yo itwara akanama k’umuryango w’Ubumwe bwa Buraya. Umushikiranganji wa mbere wa Hongriya yavuze ko ashaka gukoresha umwanya igihugu ciwe kizomara mu buyobozi bw’ako kanama, mu gutorera inyishu intambara imaze imyaka ibiri hagati y’Uburusiya na Ukraine.

Umushikiranganji wa mbere wa Hongriya muri rusangi afatwa nk’uwufitaniye imigenderanire myiza na Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin. Akatari gake, yabereye intambamyi ishirwaho ry’ibihano Ubumwe bwa Buraya bwagiye burashaka gufatira Uburusiya, yongera adindiza imfashanyo uwo muryango wagiye urashaka guha Ukraine. Yarasavye incuro zitari nke, agahengwe k’intambara muri Ukraine, ariko yirinda kenshi kugira ico avuga ku vy’ubwigenge bw’ico gihugu n’umutekano waco.

Incuti za Hongriya mu muryango w’ubumwe bwa Buraya, hamwe no mw’ishirahamwe ryishinze kwivunira umwansi hamwe, OTAN, ntizigeze zakira neza ingene Hongriya ifata ikibazo c’Uburusiya na Ukraine.

Viktor Orban, agiye mu Burusiya inyuma y’iminsi yari iheze agize urugendo rushusha nk’uru muri Ukraine. Muri urwo rugendo rwagizwe ibanga kugera ku munota wa nyuma, umushikiranganji wa mbere wa Hongriya yahuye na Prezida Volodymyr Zelenskyy, amusaba ko Ukraine yokwemera gutanga agahengwe vyihuta mu ntambara irimwo n’Uburusiya.

Kuva intambara y’Uburusiya na Ukraine yaduka mu 2022, Umushikiranganji wa mbere wa Hongriya abaye umutegetsi wa kabiri w’Ubumwe bwa Buraya agendeye Uburusiya.

Forum

XS
SM
MD
LG