Uko wahagera

Ifaranga rya Afurika y'Epfo Ryaduze Agaciro


Uyu musi ku wa gatatu, agaciro k’ifaragna ry’igihugu kisununuye, inyuma y’aho Prezida Cyryl Ramaphosa atangarije abashikiranganji bashasha bagize reta ye y’ubumwe.

Iryo faranga ryungutse ugereranije n’aho ryahora ku madolari y’Abanyamerika, ryaraciye mu bihe bigoye mu ndwi iheze. Iyo reta irimwo John Steenhuisen, arongoye umugambwe Democratic Alliance, utavuga rumwe na ANC.

Naho mu ntango, iyo reta yari yakiriwe neza n’abavuga ko ishira imbere imigambi y’abagwizatunga, hari abagwizatunga bari bagifise amakenga y’ukuntu izoshira mu ngiro imigambi yo kunagura ubutunzi.

Vyongeye, gushika ubu hari ibimenyetso bitari bike ko iyo reta y’ubumwe igihanganya n’ibibazo bijanye n’ukuntu umugambwe wa ANC hamwe n’’uwa DA bizokorana neza, nk’uko bishikirizwa n’umuhinga mu bijanye n’ubutunzi, Andre Cilliers.

Forum

XS
SM
MD
LG