Uko wahagera

ONU Yagiriza Abasirikare Barwanira Ubutegetsi bwa Sudani Kwicisha Inzara Abanyagihugu


Bamwe mu banyagihugu ba Sudani
Bamwe mu banyagihugu ba Sudani

Icegeranyo cashikirijwe n’abahinga bigenga b’ishirahamwe mpuzamakungu, kiragiriza impande zoze mu gihugu ca Sudani zifise uruhara mu ngwano, ko zikoresha inyifato yo kwicisha inzara Abanyasudani nk’ikigwanisho.

Abahinga mu bijanye n’agateka ka zina muntu bakorera ishirahamwe mpuzamakungu, ejo ku musi wa gatatu, baragirije igisirikare ca Sudani hamwe n’umurwi wa gisirikare RSF ko bicisha inzara Abanyasudani, kandi babigira mpaka kugia abo banyagihugu bicwe n’inzara.

Ingwano imaze amezi 14 muri ico gihugu imaze guhitana ubuzima bw’abantu ibihumbi 14, yongera ikomeretsa abandi ibihumbi 33, nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu.

Hari n’amakuru yatangajwe avuga ko inyifato yo gufata abakenyezi ku nguvu hamwe n’ayandi mabi ashirwa ku rwego vy’ivyaha bityoza agateka ka zina muntu vyama vyakozwe.

Ingwano yo mu gihugu ca Sudani hagati y’abasirikare ba reta hamwe n’umurwi wa gisirikare RSF yatanguye mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze, ni yo imaze gukura mu zabo igitigiri umurengera c’abanyagihugu gishika ku miliyoni 11. Kw’isi hose.

Forum

XS
SM
MD
LG