Uko wahagera

Burundi: Sentare Ntahinyuzwa Yemeje ko Bunyoni Apfungwa Ubuzima Bwiwe Bwose


FILES-BURUNDI-POLITICS-TRIAL
FILES-BURUNDI-POLITICS-TRIAL

Igisata cungururizwamwo imanza muri Sentare ntahinyuzwa y'Uburundi, cemeje ko Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere apfungwa ubuzima bwiwe bwose, agatanga ihadabu y'amamiriyaridi 22 na miriyoni 713 mu mafaranga y'amarundi, ubutuzi bwiwe bwose afise atigeze yerekana mu 2021 aja mu mabanga yiwe bwose bugafatirwa. Sentare ntahinyuzwa y'Uburundi yavuze ko ingingo yayo ica ishirwa mu ngiro ubwo nyene.

Bunyoni Alain Guillaume yagiriwe n' ivyaha 7 vyose yagirizwa birimwo gutegura gutembagaza ubutegetsi, kugandagura umukuru w’igihugu no guhungabanya ubutunzi bw’igihugu.

Abari kumwe muri dosiye nawe uko ari 3 ( Uwamahoro Désiré, Bapfumukeko Samuel Destino na Niyonsaba Côme) bakatiwe gupfungwa imyaka 15 .

Uwamahoro Désiré yari intwazangabo mu gipolisi, Bapfumukeko Samuel Destino na Niyonsaba Côme yari ajejwe inyubako za Bunyoni Alain Guillaume bagiriwe n'icaha co gufadikanya na Bunyoni ku vyaha vyo gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Prezida Evariste Ndayishimiye.

Igisata cungururizwamwo imanza muri Sentare ntahinyuzwa cemeje ibihano bari baciriwe n'igisata ca mbere c'iyo sentare.

Bagiheza gusomerwa urubanza, nta n’umwe yakuyeko iryinyo, ariko basohotse, baganiriye gato n’ubwo babikora bigaragara ko batashaka uwumva ico bariko baravugana, hanyuma baca batumbera umwe wese mu cumba asanzwe abohemwo. Amategeko y’Uburundi aremerera abo bakatiwe kungururiza mu sentare gasamburamanza, igisata bita double cassation.

Urubanza rw'aba bose bahoranye igihagararo gitinyitse mu Burundi, rwasomewe I Gitega iyo bafungiwe. Nta baburaniye abasomewe urubanza bari bari mu kibanza urwo rubanza rwasomewemwo. Nta n’abo mu miryango yabo bari bahari uretse abo bagabo 4 kuko ivyo gusoma urwo rubanza vyabahe nka giturumbuka. Abandi bari baje kumviriza urwo babakatira, ni abakozi bo mu masentare yo ku murwa mukuru wa Gitega, abapolisi bakora aho bapfungiwe hamwe n’abamenyeshamakuru

Forum

XS
SM
MD
LG