Uko wahagera

Umurwi wa Mbere w'Inteko za Kenya Washitse muri Hayiti


Umurwi w’inteko za mbere z’igipolisi ca Kenya, warashitse ku murwa mukuru wa Haiti ejo ku musi wa kabiri. Abo bapolisi bagiye mu gikorwa caririndiwe igihe kirere co kugarukana umutekano muri ico gihugu casinzikajwe n’ubwicanyi.

Abategetsi b’igihugu ca Haiti bashimye irungikwa ry’abo basirikare. Umushikiranganji wa mbere, Garry Conille, yagize ati: “Inteko mpuzamakungu zashitse gufasha igipolisi cacu.” Yongeye agira ati: “Ntihagire uwihenda ku migambi yacu. Reta igiye gusubira kwigarurira ubutegetsi bwose kandi igiye kwizeza Abanyahaiti bose ko bagiye kubaho mu mahoro.”

Reta ya Haiti y’imbere y’aho, ni yo yari yasavye izo nteko ubwa mbere mu 2022. Yamara, ico gihe ntihabonetse ibihugu bishigikira ico cipfuzo. Mu nyuma umushikiranganji wa mbere w’ico gihe aca ategerezwa gutanga imihoho mu ntango zo mu kwezi kwa gatatu, avuye mu rugendo mu gihugu ca Kenya kurondera imfashanyo y’ico gihugu. Ico gihe ubwicanyi bwari bwasubiye kuba ndanse muri Haiti.

Uruhara rw’igihugu ca Kenya ni urwo kugarukana no kubungabunga amahoro nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji wo mu gihugu ca Kenya ajejwe imigenderanire, Monica Juma. Yavuze ko abo bapolisi bazoba bajejwe gukingira abasivire no kwugurura amabarabara kugira ngo abanyagihugu bashobore kwidegemvya n’ibidandazwa bishobore kuboneka ku masoko.

Abapolisi ba Kenya barungitswe mu gihe muri ico gihugu hubutse imyirekano yaguyemwo abatari bake. Yamara amakuru yatanzwe n’abegereye igipolisi, avuga ko iyo myiyerekano ata ngaruka izogira ku mugambi wo kurungika izindi nteko mu gihugu ca Haiti. (Reuters)

Forum

XS
SM
MD
LG