Uko wahagera

Kenya: Abaguye mu Myiyerekano Barenze 20


Muri Kenya abari mu myiyerekano batangaje ko bagiye kuyibandanya inyuma y’aho abantu bashika 23 baguye mu mishamirahano n’abapolisi mu myiyerekano yo kwiyamiriza amatagisi mashasha.

Abapolisi bafise ibigwanisho bikomakomeye ejo ku musi wa kabiri bararashe ikivunga ku bantu bariko baragira imyiyerekano imbere y’inyubakwa abashingamateka bakoreramwo, mu nyuma barinjira ku nguvu muri iyo nyubakwa, aho abashingamateka bari bahejeje gutora itegeko rigenga amatagisi.

Ikinyamakuru The Nation co mu gihugu ca Kenya cakurikiranye iyo myiyerekano yo kwiyamiriza ayo matagisi mu makomine 35 ku makomine 47 agize igihugu ca Kenya, mu bisagara bito bito na binini, birimwo ica Eldoret c’amavukiro ca Prezida Ruto.

Forum

XS
SM
MD
LG