Uko wahagera

Brezil mu Myiyerekano y'Abiyamiriza Ibihano vy'Abakorora Inda


Abanyaburezile isinzi barakoze imyiyerekano mu gisagara ca Rio de Janeiro yo kwiyamiriza itegeko rishasha, rikomeza ibihano vy’abantu bakorora inda muri ico gihugu.

Abari muri iyo myiyerekano bari bafise ivyapa, hamwe n’ibitambara biriko inzandiko ziyamiriza iyo ngingo. Umwe muri bo, Neuzi Antunes dos Santos afise imyaka 65, akaba ari mu karuhuko ko muzabukuru. Yagize ati:

“Turi hano kwereka isi yuko ibihimba vy’irondoka ari ivy’iwacu, imibiri ari iyacu, kandi reta yacu ni reta igendera ku mategeko adafatiye ku madini. Igihugu cacu nticari gikwiye gukumira imibiri y’abakenyezi. Ni vyo twaje kubwira isi, kubera abakenyezi ni bo benshi mu bihugu vyose kandi barakengerwa”

Iryo tegeko rishizwe mu ngiro, ryohana uwo ari we wese yokorora inda inyuma y’indwi 22, akagirizwa icaha co kwica gishobora guhanwa gushika ku munyororo w’imyaka 20.

Muri iki gihe umukenyezi akoroye inda, ahabwa igihano ciri hagati y’umwaka umwe n’itatu mu munyororo.

Itegeko rihari rirahana uwari we wese, kiretse iyo imbanyi ije biciye mu gufatwa kunguvu, canke iyo amagara y’umuvyeyi abangamiwe, canke mu gihe ikibondo kiri mu nda, kidashobora kubaho, kimaze kuvuka.

Forum

XS
SM
MD
LG