Uko wahagera

Amerika n'Ubumwe bw'Uburaya Vyagabishije Isirayeri ku Bitero Yagaba muri Libani


Imyotsi ya za bombe iratumba ku mupaka uhuza Isirayeri na Libani
Imyotsi ya za bombe iratumba ku mupaka uhuza Isirayeri na Libani

Reta ya Amerika n'ishirahamwe ry’Uburaya bagabishije Isirayeri ko ibitero itegekanya gukora muri Libani bishobora gutuma intambara yiyongera n’igihugu ca Irani kikayinjiramwo

Josep Borrell, umuyobozi w’ibiro bijejwe imigenderanire n’amakungu mw’ishirahamwe rya Buraya, yabwiye abamenyeshamakuru kuri uno musi wa mbere ko ayo makenga atera yiyongera buri musi.

Yongeye avuga ko amasezerano yo guhagarika ingwano akenewe cane kugira imfashanyo ishobore kuboneka ku bantu bari mu ntara ya Gaza, kubera igikorwa co kuhashikana imfashanyo cananiranye.

Ivyo biri uko mu gihe Isirayeri imaze amezi atari make itana mu miwe n’umurwi Hamas ushigikiwe na Irani mu bitero vyayo mu ntara ya Gaza. Isirayeri iriko itana mu mitwe kandi n’umugwi Hezbollah mu karere k’umupaka ihana na Libani.

Ejo ku musi w’Imana, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, yavuze ko “igice gikomeye” c’intambara na Hamas kiriko kirarangira kandi ko “kizohera vuba”. Yamara yongeye asigura ko Isirayeri ishobora guca irungika abasirikare bayo ku mupaka na Libani. (VOA News)

Forum

XS
SM
MD
LG