Uko wahagera

Somaliya: Ibihugu Bibanyi bigabisha ko Al Shabab Ishobora Gutembagaza Ubutegetsi


Ingabo z’umuryango w’ubumwe bwa Afurika zabwirizwa kuva muri Somaliya bitarenze igenekerezo rya 31 ukwezi kwa cumi na kabiri
Ingabo z’umuryango w’ubumwe bwa Afurika zabwirizwa kuva muri Somaliya bitarenze igenekerezo rya 31 ukwezi kwa cumi na kabiri

Reta ya Somaliya iriko iraraba ingene umugambi wo kuvana ingabo z’umuryango w’ubumwe bwa Afurika zose ziri muri ico gihugu wo kwitondeshwa.

Somaliya igabisha ku gihengeri mu vyo gukingira umutekano gishobora gusigara muri ico gihugu, ari nka hamwe ingabo z’ubumwe bwa Afurika zoramuka zitashe. Ifise kandi amakenga ku mutekano w’ico gihugu.

Itororokaniro ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, ryashize ahabona aya makuru, rivuga ko ryayakuye mu rwandiko rwavanye ku masoko yaryo muri reta ya Somaliya.

Inzego za Somaliya zirimwo ibiro vya prezida n’ivy’umushikiranganji wa mbere vyanse kugira ico vyishuye ku bibazo vy’abamenyeshamakuru babirondeye bashaka umuco urenze aha nkuri ino nkuru.

Ku rundi ruhande, ibihugu bibanyi vya Somaliya birimwo Uganda na Kenya bigabisha ko intagondwa za Al Shabab zishobora gutembagaza ubutegetsi bwa Somaliya, umwanya n’umwanya.

Ingabo z’umuryango w’ubumwe bwa Afurika zabwirizwa kuva muri Somaliya bitarenze igenekerezo rya 31 ukwezi kwa cumi na kabiri k’uno mwaka nkuko reta ya Somaliya yari yabisavye

Forum

XS
SM
MD
LG